1 "Muri iyo misi no muri ico gihe,
aho nzogarukanira Abayuda n’ab’i Yerusalemu,
2 nzokwegeranya amahanga yose
ndayakoranirize mu kiyaya ca Yehoshafati.
Aho ni ho nzobageragereza
kubera ivyo bakoreye umugabane wanje,
ari bo bantu banje b’Abisirayeli,
kuko basanzaje abantu banje mu mahanga
bakagabura igihugu canje.
3 Bagize ubupfindo ku bantu banje;
bagurisha abahungu ngo baronke ba maraya,
bakagurisha abakobwa kugira ngo baronke umuvinyu ukwiye wo kunywa.
4 None ga Tiro na Sidoni munyagiriza iki, mwe n’intara ziri kumwe namwe z’i Bufilisitiya? Mbega munyihora ico nabakoreye? Nimwaba muriko muranyihora, nzobasubizako vuba kandi vyihuta ivyo mwakoze. 5 Kuko mwafashe ifeza zanje n’inzahabu zanje, mugatwara ivyarusha ibindi kuba vyiza mu butunzi bwanje mubijana mu ngoro zanyu. 6 Mwagurishije abantu banje b’i Buyuda n’i Yerusalemu ku Bagiriki, kugira ngo mubarungike kure y’igihugu cabo.
7 Raba, ngiye kubavyura ndabakure aho mwabagurishije hose, kandi nzosubiza kuri mwebwe nyene ivyo mwakoze. 8 Nzogurisha abahungu banyu n’abakobwa banyu ku bantu b’i Buyuda, maze na bo bazobagurisha ku Basabeya, ihanga rya kure." Ni ko Uhoraho avuze.
9 Nimubimenyeshe mu mahanga:
Nimwitegurire intambara!
Kangura abahizi!
Abagwanyi bose nibegere hafi batere.
10 Ivyuma birima vy’imikogote yanyu mubicuremwo inkota
imihoro yanyu muyicuremwo amacumu.
Umunyantegenke avuge ati:
"Ndakomeye!"
11 Nimuze munyaruka, yemwe mahanga mwese muve mu mpande zose,
mukoranireyo.
Manukana abagwanyi bawe, ewe Uhoraho!
12 "Amahanga navyuke;
yose aje mu kiyaya ca Yehoshafati,
kuko aho ari ho nzokwicara
maze ncire imanza amahanga yose yo mu mpande zose.
13 Bangura umuhoro,
kuko iyimbura rigeze.
Nimuze, mugane inzabibu,
kuko ubwato bwuzuye
kandi ubwato bwo kuganiramwo bukaba busesekaye,
ibibi vyabo ni vyinshi!"
14 Ibihumbi n’ibihumbi
bari mu kiyaya c’imanza!
Kuko umusi w’Uhoraho uri hafi
mu kiyaya c’imanza.
15 Izuba n’ukwezi bizokwirabura nk’umwijima,
kandi n’inyenyeri ntizizoba zigikayangana.
16 Uhoraho azokwivuga ari i Siyoni
kandi azoturagara ari i Yerusalemu;
isi n’amajuru bizohinda agashitsi.
Ariko Uhoraho azobera abantu biwe ubuhungiro,
umunara wo guhungiramwo w’Abisirayeli.
17 "Ni ho muzomenyera ko jewe, Uhoraho Imana yanyu,
mba i Siyoni, umusozi wanje wera.
Yerusalemu hazoba ahera;
abanyamahanga ntibazosubira kuhatera.
18 Kuri uwo musi imisozi izotembako umutobe w’umuvinyu,
n’uturambi tuzotembako ubuki;
imyonga yose y’i Buyuda itembemwo amazi.
Isoko izotemba iva mu Ngoro y’Uhoraho
kandi izovomera ikiyaya c’iminyinya.
19 Ariko Egiputa hazoba umusaka,
Edomu habe ubugaragwa,
kubera ibibi bakoreye abantu b’i Buyuda,
igihugu basheshemwo amaraso y’abatagira icaha.
20 I Buyuda n’i Yerusalemu hazoba abantu ibihe vyose
uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi.
21 Sinzoshirwa ntahoye amaraso y’abatagira icaha.
Haba na mba."
Uhoraho ahangamye i Siyoni!