1 Iri ni ijambo Uhoraho yatumye kuri Yoweli mwene Petuweli.
2 Nimwumve ibi, yemwe batware;
nimwumvirize, yemwe ababa mu gihugu mwese.
Mbega hari ikintu nk’iki cari bwigere kiba kuva aho mwabereyeho,
canke kuva aho ba sogokuruza banyu babereyeho?
3 Nimubibwire abana banyu,
n’abana banyu bazobibwire abana babo,
n’abana babo bazobibwire urunganwe ruzokurikira.
4 Ivyo inzige zisanzwe zasigaje,
inzige nininini zarabiriye;
ivyo inzige nininini zasigaje,
ivyana vy’inzige vyarabiriye
Ivyo ivyana vy’inzige vyasigaje,
izindi nzige zarabiriye.
5 Nimwikangure, yemwe mborerwa mwe, maze murire!
Nimuboroge, yemwe mwa banywi b’umuvinyu mwe;
muboroge, kubera umuvinyu mushasha,
muwukuwe mu kanwa.
6 Ihanga riteye igihugu canje,
ingabo z’inkomezi zitoharurika;
bafise amenyo nk’ay’intare,
n’imibangabanga nk’iy’intare y’ingore.
7 Bahoneje inzabibu zanje
kandi barandaguye imisukoni yanje.
Barabishishaguye,
babishiburira hirya,
basiga amashami yera.
8 Nimugandare nk’inkumi yambaye igunira
iririra umusore yari ayikoye.
9 Amashikanwa y’ifu n’ay’ibinyobwa
araciwe mu Ngoro y’Uhoraho.
Abaherezi baragandaye,
ari bo bakorera imbere y’Uhoraho.
10 Imirima irarandaguwe,
isi iragadutse;
ingano zirahonye,
umutobe w’umuvinyu urakamye,
n’amavuta ya elayo arabuze.
11 Nimwihebure, yemwe barimyi,
muboroge yemwe barimyi b’imizabibu;
mubabare kubera ingano na sayiri,
kuko ivyimburwa vyo mu mirima bisanganguwe.
12 Umuvinyu urakamye
umusukoni urakabiranye;
amakomamanga, ibigazi n’amapome,
n’ibiti vyose vy’ivyamwa birumye.
Ni ukuri umunezero w’abantu
uraheze.
13 Nimwambare amagunira, yemwe baherezi, maze mugandare;
nimuboroge, yemwe abakorera imbere y’igicaniro.
Nimuze mumare ijoro mwambaye amagunira,
yemwe abakorera imbere y’Imana yanje;
kuko amashikanwa y’ifu n’ay’ibinyobwa
bibuze mu Ngoro y’Imana yanyu.
14 Nimwamamaze ukwisonzesha kwera;
nimutumeko ikoraniro ryera.
Nimutumeko abatware
n’ababa mu gihugu bose
ngo baze ku Ngoro y’Uhoraho Imana yanyu,
maze batakambire Uhoraho.
15 Ewe musi uri aho!
Uwo umusi w’Uhoraho uri hafi;
uzoza nk’icago gihonya uvuye ku Mana ihambaye.
16 Mbega ivyokurya ntivyakuweho
imbere y’amaso yanyu,
n’umunezero no guhimbarwa
biva ku nzu y’Imana yacu?
17 Imbuto zumiye
mu kuzimu.
Ibigega bisigaye ari imisaka,
ububiko bw’ingano bwarasambuwe,
kuko ingano zaheze.
18 Ibitungwa biraniha.
Amasho arasanzaye hirya no hino;
kuko abuze uburagiro;
n’imikuku y’intama n’impene ishikiwe n’ivyago.
19 Uhoraho, ni wewe ntakambiye,
kuko umuriro watongoye uburagiro bwo mu bugaragwa
n’ibirimi vy’umuriro vyatongoye ibiti vyo mu murima.
20 N’ibikoko vyo mw’ishamba bihuzagizwa bikurondera;
amasoko y’amazi yakamye,
umuriro na wo watongoye uburagiro bwo mu bugaragwa.