Publicidade

Joel 2

Igitero c’inzige

1 Nimuvuze inzamba i Siyoni;

muvuze akamo k’intambara ku musozi wanje wera.

Ababa mu gihugu nibahinde agashitsi,

kuko umusi w’Uhoraho ushitse.

Uregereje uri hafi,

2 umusi w’umwijima w’umuzitanya,

umusi w’ibicu n’umuzimagiza.

Nk’uko umutwenzi uza ku misozi

ni ko ingabo z’inkomezi nyinshi zije,

ntivyari bwabe muri kahise

kandi ntibizosubira kubaho muri kazoza.

3 Imbere yabo umuriro uratongora,

inyuma yabo imbeya zirarabagiza.

Imbere yabo igihugu kimeze nk’itongo rya Edeni,

inyuma yabo, ni ubugaragwa,

nta na kimwe basigaza.

4 Bafise ishusho y’amafarasi;

biruka nk’abagwanira ku mafarasi.

5 Urwamo rwabo ni nk’urw’imikogote

Basimbagurika ku dutwe tw’imisozi,

bameze nk’umuriro utongora isakamburira,

ni nk’ingabo z’inkomezi zigiye mu ntambara.

6 Imbere yabo, amahanga ahinda agashitsi;

mu maso h’abantu bose harahindurira.

7 Batera nk’abahizi;

burira inzitiro nk’abasoda.

Bose bagenda ku murongo,

nta n’umwe ahesha ngo aje ku ruhande.

8 Nta n’umwe agunda mugenziwe;

umwe wese agenda aramirije imbere yiwe;

binjira baciye mu mpome

nta kibatangira.

9 Bitera mu gisagara;

biruka inyuma y’uruzitiro.

Barurira bakitera mu mazu;

binjira baciye mu madirisha kurya kw’ibisuma.

10 Imbere yabo isi iratigita,

n’amajuru agahinda agashitsi

izuba n’ukwezi bicuze umwijima,

n’inyenyeri ntizicaka.

11 Uhoraho araturagaye

ari imbere y’ingabo ziwe;

ingabo ziwe ntiziharurika,

kandi ingabo zimuyoboka ni inyenkomezi.

Umusi w’Uhoraho urahambaye;

ni umusi wo guhonya.

Ni nde azoshobora kuwihanganira?

Nimujanjagure imitima yanyu

12 "Mbere n’ubu nyene," ni ko Uhoraho avuze,

"nimungarukeko n’umutima wanyu wose,

mwisonzesha, murira kandi mugandaye."

13 Imitima yanyu nibe ari yo mutabura

mureke impuzu zanyu.

Nimugaruke k’Uhoraho Imana yanyu,

kuko ari umunyabuntu agira imbabazi,

ateba kuraka kandi agira urukundo rwinshi,

kandi arigarura ngo ntarungike ivyago.

14 Hari uwubizi? Ashobora kwigarura

akabasigarana umugisha

w’amashikanwa y’amafu n’ay’ibinyobwa

mushikanira Uhoraho Imana yanyu.

15 Nimuvuze inzamba i Siyoni,

nimuhamagarire abantu ukwisonzesha kwera,

mukoranye ikoraniro ryera.

16 Nimukoranye abantu,

mugire ikoraniro ryera;

nimukoranye abakurambere,

egeranya abana,

mukoranye n’abakiri kw’ibere.

Uwarongoye nasohoke

n’umugeni ave mu nkinga.

17 Abaherezi bakorera imbere y’Uhoraho,

nibaririre hagati y’urwinjiriro n’igicaniro.

Nibavuge bati: "Ziguriza abantu bawe, yewe Uhoraho.

Ntuhindure umugabane wawe agatwengo,

canke akamenyo hagati mu mahanga.

Ni kubera iki mu mahanga bobaza bati:

‘Mbega Imana yabo iri hehe?’ "

Inyishu ivuye k’Uhoraho

18 Maze Uhoraho agirira urukundo rwinshi igihugu ciwe

kandi agirira akagongwe abantu biwe.

19 Uhoraho arabishura ati:

"Nzobarungikira ingano, umutobe musha w’umuvinyu n’amavuta ya elayo,

bikwiye vyo kubahaza;

sinzokwongera kubahindura

agatwengo mu mahanga.

20 Nzokwirukana abansi banyu bo mu buraruko baje kure y’aho muri,

ndabahindagize gushika mu gihugu kigadutse c’ubugaragwa.

Umuce wabo wo mu buseruko nzowirukanira mu Kiyaga c’Umunyu,

maze umuce wo mu burengero ndawurungike mu Kiyaga Mediterane.

Kandi ukubora kwabo kuzomenyekana

n’ukunuka kw’imivyimba yabo kuzoduga mu kirere."

Koko yakoze ibikomeye!

21 Ntimutinye, yemwe ababa i Buyuda;

nimunezerwe kandi muhimbarwe.

Ni ukuri Uhoraho yakoze ibikomeye!

22 Ntimutinye, yemwe bikoko vyo mw’ishamba,

kuko uburagiro bwo mu bugaragwa butanguye gutotahara.

Ibiti biriko birama ivyamwa vyavyo;

imisukoni n’imizabibu vyama ivyimburwa vyavyo.

23 Nimunezerwe, bantu b’i Siyoni,

nimunezererwe Uhoraho Imana yanyu,

kuko yabahaye imvura y’impeshi

abitewe n’uko ari umwizigirwa.

Abaha imvura nyinshi,

yo ku mpeshi n’iyo mu rushana, nk’uko vyahora.

24 Imbuga zizokwuzura ingano;

amato azosesekara imitobe y’umuvinyu n’amavuta.

25 "Nzogushumbusha imyaka yariwe n’inzige;

inzige nininini n’abana b’inzige,

hamwe n’ubundi bwoko bw’inzige,

ari zo ngabo zanje zihambaye, izo narungitse muri mwebwe.

26 Muzoronka umusesekara w’ivyokurya, muhage,

kandi muzohimbaza izina ry’Uhoraho Imana yanyu,

yakoreye ibitangaza muri mwebwe;

kandi abantu banje ntibazosubira kumaramara.

27 Ni ho muzomenya ko ndi mu Bisirayeli,

ko ndi Uhoraho Imana yanyu,

kandi ko ata yindi iriho;

abantu banje ntibazokwigera basubira kumaramara.

Umusi w’Uhoraho

28 Kandi hanyuma y’ivyo,

nzosuka Mpwemu wanje ku bantu bose.

Abahungu banyu n’abakobwa banyu bazovugishwa,

abatama banyu bazorota indoto,

n’abasore banyu bazobona ivyo beretswe.

29 N’abasavyi banje, abagabo n’abagore,

nzobasukako Mpwemu wanje muri iyo misi.

30 Nzokwerekana ibimenyetso mw’ijuru

no kw’isi,

amaraso n’umuriro n’ugupfunduka kw’umwotsi.

31 Izuba rizohinduka umwijima,

ukwezi guhinduke guse n’amaraso

imbere y’uko uwo musi uhambaye w’agatikizo kandi w’Uhoraho ushika.

32 Kandi umuntu wese azokwambaza

izina ry’Uhoraho azokizwa;

kuko ku musozi Siyoni n’i Yerusalemu

hazoba ugutabarwa,

nk’uko Uhoraho yavuze,

mbere no mu bazoba barokotse ivyago

abo Uhoraho azohamagara."

Veja também

Publicidade
Joel
Ver todos os capítulos de Joel
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-