Publicidade

Admiração

Por Bíblia Online

O temor do Senhor é o princípio da sabedoria. A admiração reverente por Deus é a postura que produz conhecimento, obediência e bênção na vida do crente.

Ukwubaha Uhoraho ni kwo tanguriro ry’ubwenge,

ariko ibipfu bikengera ubwenge n’ugutozwa indero.

Ukwubaha Uhoraho ni kwo tanguriro ry’ubwenge,

kandi kumenya Uwera ni kwo gutahura.

Ukwubaha Uhoraho kwigisha ubwenge,

kandi ukwicisha ubugufi ni kwo gutangurira icubahiro.

Wopfuma ugira bike birimwo ukwubaha Uhoraho,

hako utunga vyinshi vyuzuyemwo uruhagarara.

Kwubaha Uhoraho bitera kwanka ikibi.

Ni co gituma nanka ubwibone, ukwishira hejuru,

ingeso mbi hamwe n’amajambo y’uruhendo.

Ukwicisha bugufi n’ukwubaha Uhoraho

bizana ubutunzi n’ukuramba.

Ntiwishimire ubwenge bwawe,

ahubwo wubahe Uhoraho kandi uve mu kibi.

Ivyo bizotuma umubiri wawe ugira amagara meza,

bitume n’amagufa yawe yoroherwa.

Kugira uburanga gusa birahenda, kandi ubwiza bwo ku rukoba nta co bumaze.

Ariko umugore yubaha Uhoraho azoshimwa.

Vyose vyarumviswe;

iyi ni yo ndunduro ya vyose:

Wubahe Imana witondere amabwirizwa yayo,

kuko ari co kibereye ku muntu.

Ukwubaha Uhoraho ni kwo tanguriro ry’ubwenge;

kandi abitondera ivyo yihanikirije bafise ugutahura gushitse.

Uguhimbazwa kube ukwiwe ibihe vyose.

Himbaza Uhoraho.

Hahiriwe abubaha Uhoraho,

bakanezerererwa amabwirizwa yiwe.

Hahiriwe uwubaha Uhoraho wese,

akagenda mu nzira ziwe.

Ariko inyonga zUhoraho ziri ku bamwubaha,

ku bizigira urukundo rwiwe rudashira,

Ese Imana yoduha umugisha,

kugira ngo abo ku mpera z’isi bose baze bayubahe.

Ariko mwebwe muhindira agashitsi imbere y’izina ryanje, izuba ry’ubugororotsi rizobarasira, rifise ugukiza mu mishwarara yaryo. Maze muzosohoka mwishire mwizane, mutamba mwiginagura nk’uko inyana ziginagura iyo zisohowe ziva mu ruhongore.

Bongera kubwirwa gutinya Uhoraho no kumwumvira

None rero Bisirayeli, mbega ico Uhoraho Imana yanyu abagombako si ukumwubaha no kugendera mu nzira ziwe zose, mukamukunda, mukamukorera n’imitima yanyu yose, n’imishaha yanyu yose, no gukurikiza amabwirizwa n’amategeko yUhoraho ndabahaye uwu musi, ku bw’ineza yanyu?

Uhoraho Imana yanyu ni we wenyene wo gukurikira, kandi ni we wo gutinywa bifatanije no kwubahwa. Mukurikize amabwirizwa yiwe, mwongere mumwubahe, mumukorere, mwongere mumwumireko.

Kandi kuko abo bakirizi bubashe Imana, na yo ica ibaha uruvyaro mu miryango yabo bwite.

None rero bene Data, ko dufise ayo masezerano, nimuze twiyeze, twiyambure ivyonona imitima n’imibiri yacu vyose. Turondere ukwezwa kuvuye ku kwubaha no gutinya Imana.

Uhe umuntu wese ivyo akwiye guhabwa: abakwiye guhabwa amakori mubahe amakori, uwukwiye gutinywa mumutinye, uwukwiye icubahiro mumwubahe.

Umuntu wese atagirira ubugwaneza mugenziwe,

aba yerekanye ukutubaha Iyishoboravyose.

Seja o primeiro
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-05_19-25-13-