Ano novo
O Ano Novo é oportunidade de renovação e consagração. A Bíblia convida a esquecer o que ficou para trás e avançar em fé, confiança e esperança em Deus.
Bene Data, siniyumvira ko maze gufata ico ndondera. Ariko, ico nkora ni iki kimwe: Nibagira ivyarenganye, ngakurikira ibiri imbere. Ndabandanya kugira ngo nshike ku mpera y’umuhamagaro, hanyuma ndonke impera yo mw’ijuru, iyo Imana yaduhamagariye muri Kristo Yesu.
Singomba kuvuga ko ivyo maze kubishikira, canke ko maze gutunganywa rwose. Ariko, ndabandanya kugira ngo nshikire ukwo gutunganywa kwatumye Kristo Yesu amfata. Bene Data, siniyumvira ko maze gufata ico ndondera. Ariko, ico nkora ni iki kimwe: Nibagira ivyarenganye, ngakurikira ibiri imbere. Ndabandanya kugira ngo nshike ku mpera y’umuhamagaro, hanyuma ndonke impera yo mw’ijuru, iyo Imana yaduhamagariye muri Kristo Yesu.
Gufatira akarorero kuri Pawulo
Abakuze mu kwizera twese twiyumvire dutyo. Nihagira ico tutumva co kimwe, Imana izokibatahuza.
Kuko uwuri muri Kristo Yesu aba abaye icaremwe gishasha, ivya kera biba biheze, ibishasha biba bishitse.
Imana ishimirwe ivyizigiro bizima
Amashimwe yose abe ay’Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, kuko ku bw’imbabazi zayo nyinshi, yaduhaye kuvuka ubwa kabiri, mu kuzura Yesu Kristo mu bapfuye. Ubu dufise ivyizigiro bizima
Ureme muri jewe umutima utunganye, ewe Mana,
umpe umutima ushikamye.
Ntunyirukane mu nyonga hawe
canke ngo unkureko Mpwemu Yera wawe.
Utekerereze imbere y’Uhoraho
umurindire wihanganye;
ntuze ubabare abantu nibatunganirwa mu nzira zabo,
nibashira mu ngiro imigambi yabo mibi.
Nimwumvirize mumenye ko Uhoraho ari mwiza;
hahiriwe uwumuhungirako.
ariko abizigiye Uhoraho
bazokwama bongerwa inkomezi.
Bazoguruka mu kirere nk’abagurukisha amababa y’inkona,
bazokwiruka ntibaruhe,
bazogenda ntibacike intege.
Kuko nzi imigambi ndabafitiye," ni ko Uhoraho avuze, "ni imigambi yo kubateza imbere, si iyo kubagirira nabi, ni imigambi yo kubaha ivyizigiro muri kazoza.
Nzobamijako amazi meza, namwe muzokwezwa; nzobakurako imyanda yose, ndabakuremwo n’ibigirwamana vyanyu vyose. Nzobaha umutima mushasha, ndabashiremwo n’impwemu nshasha; nzobakuramwo umutima w’ibuye, ndabahe umutima w’inyama. Nzobashiramwo impwemu nshasha, ntume mukurikiza ivyo nashinze, mwitondere n’ivyagezwe vyanje.
Kandi ikirengeye vyose mwambare urukundo, ni wo mugozi udufatanya twese mu bumwe bushitse.
Amahoro ya Kristo aganze mu mitima yanyu. Kuko nk’uko mugize ingingo z’umubiri umwe, mwahamagariwe kubana mu mahoro. Kandi mube abama bashima.
Yatumye ikintu cose kiba ciza mu gihe caco. Kandi yashizeho ibihe bidashira mu mitima y’abantu; ariko ntibashobora gutahura ivyo Imana yakoze kuva mu ntango gushika kw’iherezo.
Ba data baduhanye igihe gito, nk’uko biyumvira ko bikenewe. Ariko Imana ibikora ku neza yacu, kugira ngo dusangire na yo ukwera. Mu gihe co guhanwa, nta muntu n’umwe anezerezwa n’igihano, kuko kirababaza. Ariko mu nyuma, abaciye muri ukwo guhabwa indero bimbura ivyamwa vy’amahoro no kugororoka.
Ntimwiratire ivy’ejo
Umvirize, mwebwe muvuga muti: "Uyu musi canke ejo tuzoja mu gisagara kanaka, tuzomarayo umwaka, tudandaze twironkere inyungu." Ivyo mwobivuga gute kandi mutazi ingene ubuzima bwanyu buzoba bumeze ejo? Ubuzima bwanyu ni iki? Muri igipfungu kiboneka umwanya muto hanyuma kigakamangana. Ahubwo, mwari mukwiye kuvuga muti: "Umwami niyabishaka, tuzobaho dukore ibi na biriya." Ariko murishima mukishira hejuru. Ukwishima kwanyu ni kubi. Umuntu wese azi iciza yategerezwa gukora ntagikore, aba acumuye.