1 Inyishu yiyoroheje ihwamika uburake,
ariko ijambo ribi rivyura ishavu.
2 Ururimi rw’umunyabwenge rutuma ubwenge bwipfuzwa,
ariko akanwa k’igipfu ko gasuka ubupfu.
3 Amaso y’Uhoraho abera hose icarimwe,
yihweza ababi n’abeza.
4 Amajambo yiyoroheje ni igiti c’ubuzima,
ariko amajambo y’ubujuju avuna umutima.
5 Igipfu gikengera impanuro z’umuvyeyi,
ariko uwemera guhanurwa ni umunyabwenge.
6 Inzu y’umugororotsi yuzura ubutunzi,
ariko umwimbu w’abanyakibi ubazanira uguhona.
7 Iminwa y’umunyabwenge ikwiragiza ubumenyi,
ariko umutima w’igipfu ntugira ico utanga.
8 Amashikanwa y’umunyakibi ni igisesema k’Uhoraho,
ariko isengesho ry’umugororotsi riramuhimbara.
9 Ingeso z’umunyakibi ni igisesema k’Uhoraho,
ariko akunda abarondera ukugororoka.
10 Ibihano bikomeye biraririye abata inzira,
kandi uwanka guhanurwa azopfa.
11 Nimba Rupfu na Mahonero ata co bishobora guhisha Uhoraho,
mbega umutima w’umuntu wowo nturushiriza kumugaragarira?
12 Umucokoranyi yanka guhanurwa,
ntiyigera ahanuza umunyabwenge.
13 Umutima uhimbawe utuma umuntu agira mu maso hakeye,
ariko umubabaro uvuna umutima.
14 Umutima w’ubwenge urondera ugutahura,
ariko akanwa k’igipfu karya ubupfu.
15 Ibihe vy’umubabaro ni bibi,
ariko uwufise umutima unezerewe yibera mu misi mikuru.
16 Wopfuma ugira bike birimwo ukwubaha Uhoraho,
hako utunga vyinshi vyuzuyemwo uruhagarara.
17 Utuboga dusangiwe mu rukundo
turuta ibinure usangiye n’uwo mwankana.
18 Uwushavura vuba avyura imitongano,
ariko uwutekanye asubiza hasi induru.
19 Inzira z’umunebwe zizibije amahwa,
ariko inzira z’umugororotsi ni umuharuro.
20 Umwana w’ubwenge atera umunezero se wiwe,
ariko igipfu co gikengera nyina.
21 Ubupfu bunezereza abatagira ugutahura,
umunyabwenge aguma mu nzira zigororotse.
22 Imigambi irapfa kubera ukudahanuza,
ariko ahari abajenama benshi, imigambi irakomera.
23 Umuntu wese anezerererwa inyishu ibereye,
kandi ni vyiza kuvuga ijambo ribereye mu gihe gikwiye.
24 Ku munyabwenge, inzira y’ubugingo igenda iduga,
kugira ngo imubuze kumanuka aja iwabo w’abapfuye.
25 Uhoraho asenyura inzu y’umunyabwibone,
ariko akomeza inzitiro z’umupfakazi.
26 Ivyiyumviro vy’umunyakibi ni igisesema k’Uhoraho,
ariko ivy’ab’imitima itanduye biramuhimbara.
27 Inkunzi y’amahera ituma ibintu bihona mu muryango,
ariko uwanka ibiturire azobaho.
28 Umutima w’umugororotsi ugera amajambo avuga,
ariko akanwa k’igipfu gaseseka ibibi.
29 Uhoraho ari kure y’abanyakibi,
ariko isengesho ry’umugororotsi araryumva.
30 Kugira mu maso hakeye bizana amahoro mu mutima,
kandi inkuru nziza ikomeza amagufa.
31 Uwemera gukosorwa bimujana mu bugingo
azoba uwuhambaye mu banyabwenge.
32 Uwanka guhanwa yanka ubugingo bwiwe,
ariko uwemera guhanurwa yironkera ugutahura.
33 Ukwubaha Uhoraho kwigisha ubwenge,
kandi ukwicisha ubugufi ni kwo gutangurira icubahiro.