Publicidade

Provérbios 5

Kwirinda ubusambanyi

1 Mwana wanje, shira umutima ku majambo y’ubwenge nkwigisha,

wumvirize neza amajambo yanje akwigisha ugutahura,

2 kugira ngo ushobore kumenya ikibereye,

akanwa kawe kavuge ivy’ubwenge.

3 Kuko akanwa k’umugore w’umusambanyikazi gasosa nk’ubuki,

amajambo yiwe anyerera gusumvya amavuta.

4 Ariko mu nyuma arura gusumvya ikintu cose kirura,

agacumita kurusha inkota y’ubugi bubiri.

5 Ibirenge vyiwe bimanuka bija mu rupfu,

kandi intambuko ziwe nta handi zijana atari mu mva.

6 Ntiyiyumvira ku nzira ijana mu buzima,

inzira ziwe ziramuzimiza, ariko ntabibona.

7 None rero, mwana wanje, ntega amatwi;

ntiwirengagize ivyo ndakubwira.

8 Uze wigire kure uwo mugore,

ntuze wegere n’umuryango w’inzu yiwe,

9 kugira ngo ntiwiyake icubahiro cawe ngo ugihe abandi,

imyaka y’ubuzima bwawe ukayiha ruburakigongwe.

10 Abantu utazi ntibabe ari bo barya ubutunzi bwawe,

ngo ivyo wabiriye akuya bitungishe inzu y’uwundi muntu.

11 Mu misi yawe ya nyuma uzoboroga,

umubiri wawe umaze kuba akaheze.

12 Uzovuga uti: "Ese ingene nanse gutozwa indero!

Ese ukuntu nirengagije ukugabishwa!

13 Vyangendeye gute ngo sinumvire abigisha banje,

canke ngo ntege amatwi abarezi banje?

14 Ehe ngeze aho umwansi ashaka bidatevye,

maramariye imbere y’ikoraniro ry’abantu."

15 Unywe amazi yo mw’iriba ryawe wiharije,

amazi atemba ava mw’iriba ryawe.

16 Mbega amasoko yawe akwiye gutemba akuzura amabarabara,

canke imigende yawe igatembera mu bibanza vy’amahuriro?

17 Nibibe ivyawe bwite,

ntukabisangire n’abahita.

18 Isoko ryawe riragahezagirwa,

nawe unezerererwe umugore wo mu buto bwawe.

19 Ameze nk’impongokazi iteye igomwe, nk’ingeregere ihimbaye.

Amabere yiwe akubumbe ibihe vyose,

kandi wame ukwegwa n’urukundo rwiwe ibihe vyose.

20 Mwana wanje, ni igiki cotuma ukwegwa n’umusambanyikazi,

ukagumbira igikiriza c’umugore w’icigenze?

21 Kuko ingeso z’umuntu zigaragarira Uhoraho,

ni we asuzuma inzira ziwe zose.

22 Ibikorwa bibi vy’umunyakibi ni vyo bimubera umutego,

kandi imigozi y’ivyaha vyiwe ni yo imuboha.

23 Azokwicwa no kutamenya ingene yitwara,

azimizwe n’ubujuju bwiwe bwinshi.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-