Publicidade

Provérbios 30

1 Aya ni amajambo ya Aguri mwene Yake, uwavugishijwe.

Uwo yabariye Utiyeli, Itiyeli na Ukali, ati:

"Ndatuntuye, ewe Mana,

ndatuntuye kandi ndarushe, ewe Mana.

2 Ndi ikijuju kurusha abandi bose,

singira ugutahura kw’abantu.

3 Sinigishijwe ubwenge,

kandi sinzi Uwera.

4 Ni nde yagiye mw’ijuru hanyuma akagaruka?

Ni nde yegeranirije umuyaga mu kiganza ciwe?

Ni nde yegeranirije amazi mu mutamana wiwe?

Ni nde yashizeho impera z’isi?

Izina ryiwe ni nde, kandi imfura yiwe ni nde?

Mbarira nimba ubizi!

5 Ijambo ry’Imana ryose ni iryo kwizerwa;

ni inkinzo ku bayihungirako.

6 Ntihagire ico uzokwongera ku majambo yayo,

ahandi ho izoguhana ikwereke ko uri umubeshi.

7 Hari ibintu bibiri ngusaba, ewe Mana;

kandi ntubinyime nkiriho:

8 undinde ibinyoma n’ububeshi, bimbe kure;

ntumpe ubukene canke ubutunzi bwinshi,

ariko umpe ibinkwiye buri musi.

9 Nohava ntunga nkakugaya,

nti Uhoraho ni iki?

Canke nkaba umukene nkiba,

nkatukisha izina ry’Imana yanje.

10 Ntukavuge nabi umukozi imbere ya shebuja,

kuko azokuvuma, kandi uzohanirwa icaha cawe.

11 Hari abavuma ba se,

kandi ntibahezagire ba nyina,

12 bakibwira ko ari beza,

kandi batikuyeko imyanda ibariko;

13 bafise amaso y’ubwibone,

barabira abandi hasi.

14 Hari abafise amenyo ameze nk’inkota,

imibangabanga yabo irimwo imbugita.

Batabagura aboro kw’isi,

abakene bakabatabagurira mu bantu.

15 Umuyoka ufise abakobwa babiri.

Barasemerera bati: ‘Zana! Zana!’

Hari ibintu bitatu bidahaga,

n’ica kane kitigera kivuga kiti: ‘Geza aho’:

16 imva,

inda y’ingumba,

isi idahaga amazi,

hamwe n’umuriro utigera uvuga uti: ‘Geza aho!’

17 Ijisho ry’uwugaya se,

rigakengera nyina ashaje,

rizonokorwa n’ibikona vyo mu biyaya,

riribwe n’ibinyakabaka.

18 Hari ibintu bine bintangaza cane,

mbere ni bine ntatahura:

19 inzira y’inkona mu kirere,

inzira y’inzoka ku gitandara,

inzira y’ubwato mu kiyaga,

n’inzira y’umusore ku nkumi.

20 Uku ni ko umusambanyikazi abigenza:

ararya hanyuma akihanagura,

maze akavuga ati: ‘Nta kibi nigeze nkora.’

21 Hari ibintu bitatu bijugumiza isi,

mbere ni bine idashobora kwihanganira:

22 umugurano abaye umwami,

igipfu cujuje ivyokurya,

23 umugore atisonera mugabo akarongorwa,

hamwe n’incoreke isubirira inabuja.

24 Hari ibintu bine bitobito kw’isi,

ariko biciye ubwenge cane:

25 Ibimonyo ni udukoko dutoduto,

ariko biriziganiriza ivyokurya vyo mu ci;

26 inkezi ni uturemwa tw’utunyantegenke,

ariko twubaka inzu yatwo mu gitandara,

27 inzige ntizigira umwami,

ariko zigira hamwe mu migwi;

28 umuserebanyi ushobora gufatishwa amaboko,

ariko uwusanga mu birimba vy’abami.

29 Hari ibinyabuzima bitatu bitambuka neza,

mbere ni bine bigenda birashonyanga:

30 intare, ikomeye gusumvya ibindi bikoko, itigera ihunga na kimwe,

31 isake ihagaze ku maguru yayo,

isuguru y’impene,

hamwe n’umwami agendera imbere y’ingabo ziwe.

32 Iyo wigize igipfu ukishira hejuru,

canke ugategura gukora ikibi,

pfuka n’urushi akanwa kawe.

33 Kuko nk’uko amata aterewe avamwo amavuta,

izuru rikubiswe rikava umwuna,

ni ko kuratsa umuntu bitera ibihari."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-