Publicidade

Provérbios 2

Akamaro k’ubwenge

1 Mwana wanje, niwakira amajambo yanje,

ukazigama ivyo ndakwihanikiriza,

2 ugatega ugutwi amajambo y’ubwenge,

ugashira umutima wawe ku gutahura,

3 ugahamagara ubwenge,

ukaririra ugutahura,

4 ukabirondera nk’uwurondera ifeza

canke ubutunzi buhishijwe,

5 ico gihe uzomenya kwubaha Uhoraho ico ari co,

kandi uzogira ugutahura kuvuye ku Mana.

6 Kuko Uhoraho ni we atanga ubwenge,

kandi mu kanwa kiwe ni ho hava ubumenyi n’ugutahura.

7 Ni we afise intsinzi y’abagororotsi mu bubiko bwiwe,

kandi ni we nkinzo y’abagenda batunganye.

8 Ni we azigama inzira z’abagororotsi,

agakingira abamwizigiye.

9 Aho ni ho uzomenya ibigororotse, ibitunganye hamwe n’ibibereye,

umenye n’inzira zibereye,

10 kuko ubwenge buzokwinjira mu mutima wawe,

maze ubumenyi bube umunezero w’umushaha wawe.

11 Guhitamwo neza kuzoba umurinzi wawe,

kandi ugutahura kuzokuzigama.

12 Ubwenge buzokurinda kugendera mu nzira z’ababi,

bukurinde n’abavuga amajambo y’ubupfu.

13 Abo bata inzira zigororotse,

bakagendera mu nzira z’umwijima.

14 Bahimbarwa no gukora ikibi,

bagahimbarirwa ubuhumane bwabo.

15 Iminyuro yabo iragoramanze,

kandi inzira bajana zirabazimiza.

16 Ubwenge buzokurinda umugore w’umusambanyikazi,

bukurinde n’amajambo asosa y’umugore w’umunyangesombi,

17 yataye umugabo wo mu buto bwiwe

akava mw’isezerano yagize imbere y’Imana.

18 Kwinjira inzu yiwe bijana mu rupfu,

ni inzira ijana i kuzimu mu mva.

19 Nta wuja iwe ngo agaruke,

canke ngo yongere asubire mu nzira y’ubuzima.

20 Ahubwo ugendere mu nzira y’abantu b’intungane,

ugume mu nzira y’abagororotsi.

21 Kuko abagororotsi ni bo bazoba mu gihugu

kandi inyankamugayo ni zo zizokigumamwo.

22 Ariko abanyakibi bazogikurwamwo,

abahemu na bo bakirandurwemwo.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-