1 Kuvugwa neza biruta kugira ubutunzi bwinshi,
kandi kwemerwa kurusha agaciro ifeza n’inzahabu.
2 Umukire n’umworo bafise ico basangiye:
Uhoraho ni we muremyi wabo bompi.
3 Umunyamakenga yama abona icago kitaramushikira akacikinga,
ariko igipfu gipfa kugenda,
hanyuma kikisanga mu kaga.
4 Ukwicisha bugufi n’ukwubaha Uhoraho
bizana ubutunzi n’ukuramba.
5 Inzira y’umunyakibi irimwo amahwa n’imitego,
ariko uwurinda umutima wiwe abica kure.
6 Umenyereze umwana guca mu nzira ibereye,
niyakura ntazoyivamwo.
7 Umutunzi ategeka umukene,
kandi uwusavye ingurane aba umuja w’uwumuguranye.
8 Uwubiba kugira nabi azimbura imibabaro,
kandi inkoni y’uburake bwiwe izovunagurwa.
9 Uwutanga arahezagirwa,
kuko asangira ivyiwe n’umukene.
10 Irukana umucokoranyi, maze abanyabihari bajane na we,
ni ho imivurungano no gutukana bizovaho.
11 Uwukunda kugira umutima utanduye akavugana imbabazi
abami bazoba abagenzi biwe.
12 Inyonga z’Uhoraho zirinda abafise ubwenge,
ariko imigambi y’abanyakibi arayisibanganya.
13 Umunyabute avuga ati: "Hari intare hanze,
ninasohoka iranyica!"
14 Akanwa k’umugore asambana ni icobo kirekire,
abashavuza Uhoraho bazokigwamwo.
15 Ubupfu bwuzuye mu mutima w’umwana,
ariko inkoni yo guhana izobumukuramwo.
16 Uwucinyiza umukene kugira ngo agwize ubutunzi bwiwe,
hamwe n’uwuha ingabire umutunzi bompi bazogwa mu bukene.
17 Tega amatwi wumve amajambo y’umunyabwenge;
ushire umutima ku vyo ndakwigisha.
18 Kuko ari vyiza kuzigama iyi migani mu mutima wawe,
kandi wame uyifise mu kanwa kawe.
19 Ndakwigishije uwu musi, koko ndakwigishije,
kugira ngo ushire ivyizigiro vyawe k’Uhoraho.
20 Nakwandikiye imigani mirongo itatu,
imigani yuzuye impanuro n’ubwenge;
21 ni ho uzomenya amajambo y’ukuri,
maze usubirane inyuma ayo majambo
ku bakurungitse.
22 Ntukanyage umukene kuko ari umukene,
kandi ntukarenganye umworo mu rubanza.
23 Kuko Uhoraho azobaburanira,
anyage ababanyaze.
24 Ntukagiriranire ubugenzi n’umuntu yihuta kuraka,
kandi ntukifatanye n’uwurakishwa n’ubusa,
25 ahandi ho wohava umera nka bo,
ubuzima bwawe ukabuta mu mutego.
26 Ntukishinge uwundi mu myenda yiwe
canke ngo wiyemeze ko uzomwishurira,
27 kuko nutashobora kuriha
n’uburiri uryamako bazobugukurako.
28 Ntuzokwunguruze akarimbi
kashinzwe na ba sogokuruza.
29 Hari abantu b’abanyamwete mu vyo bakora urabona?
Abo bazokorera imbere y’abami
ntibazokorera abasanzwe.