1 Uwukunda gutozwa indero wese akunda ubumenyi,
ariko uwanka guhanurwa wese ni ikijuju.
2 Umunyendanziza wese agirirwa ubuntu n’Uhoraho,
ariko Uhoraho atsindisha abafise inama z’ibibi.
3 Nta muntu ashikamishwa no kuba inkozi y’ikibi,
ariko umugororotsi ashinga imizi ikagera kure.
4 Umugore w’ingeso nziza ni urugori rw’umugabo wiwe,
ariko umugore w’isoni nke ni nk’ingwara idakira mu magufa y’umugabo wiwe.
5 Imigabo y’umugororotsi iratunganye,
ariko impanuro z’umunyakibi zuzuye ububeshi.
6 Amajambo y’umunyakibi ameze nk’umutego wo gusesa amaraso,
ariko amajambo y’abagororotsi ararokora.
7 Abanyakibi barapfa bakazimangana,
ariko umuryango w’umugororotsi wama uhangamye.
8 Umuntu ashimwa kubera ukwiyubara kwiwe,
ariko igipfu kirakengerwa.
9 Wopfuma uba umukene afise umukozi umwe,
hako wigira umukire utagira n’ico urya.
10 Umugororotsi yitaho n’ivyo ibitungwa vyiwe bishaka,
ariko n’ubugwaneza bw’umunyakibi buba buteye ubwoba.
11 Uwurima itongo ryiwe azoronka umwimbu mwinshi,
ariko uwirukira ibitagira ikimazi ni imburabwenge.
12 Umunyavyaha yipfuza ibirimba vy’abanyakibi,
ariko uwubaha Imana arashinga imizi,
akama ivyamwa vyiwe bwite.
13 Umunyavyaha afatwa n’amajambo yiwe ubwiwe,
ariko umugororotsi ntafatwa mu makuba.
14 Ivyamwa biva mu kanwa k’umuntu ni vyo bimuhesha ivyiza,
nk’uko umuntu ahabwa impera n’ibikorwa vy’amaboko yiwe.
15 Igipfu cibwira ko ingeso zaco zitunganye,
ariko umunyabwenge yumviriza impanuro.
16 Igipfu cihutira kugaragaza ishavu ryaco,
ariko umunyamakenga yirengagiza igitutsi.
17 Icabona c’ukuri gisura ibitunganye,
ariko icabona kibi kivuga ibinyoma.
18 Amajambo y’imvuzi acumitana nk’inkota
ariko ururimi rw’umunyabwenge rurakiza.
19 Amajambo y’ukuri yamaho ibihe vyose,
ariko ikiyoma kimara umwanya muto.
20 Ububeshi bwuzura mu kanwa k’abagira inama yo gukora ibibi,
ariko abaja inama z’amahoro buzura umunezero mu mitima yabo.
21 Umugororotsi nta kibi kimushikira,
ariko umunyakibi we yuzuye amagorwa.
22 Uhoraho azira iminwa ibesha,
agahimbarirwa abizigirwa.
23 Umunyamakenga yizigamira ubumenyi bwiwe,
ariko igipfu camamaza ubujuju bwaco.
24 Amaboko aroranya azorongora,
ariko ubunebwe bushikana ku kuba umuja.
25 Umutima urimwo amaganya uraremerwa,
ariko ijambo ryo gutera intege rihagurutsa uwuribwiwe.
26 Umugororotsi ahanura neza bagenziwe,
ariko inzira z’umunyakibi zirabazimiza.
27 Umunebwe ntashobora no kwotsa ico yahize agafata,
ariko uwuzi kuroranya akoresha neza ico aronse cose.
28 Mu nzira y’ubugororotsi hari ubuzima,
kandi muri iyo nzira hari ukudapfa.