1 Ntukipfuze kuba nk’ababi,
ntukipfuze kuba mu mugwi wabo,
2 kuko imitima yabo yiyumvira kugira nabi,
kandi iminwa yabo ivuga ivyo gutera imivurungano.
3 Ubwenge ni bwo butuma inzu yubakwa,
kandi ugutahura ni kwo kuyikomeza.
4 Ugutahura ni kwo gutuma ivyumba vyayo
vyuzura ubutunzi bwiza bw’igiciro.
5 Umunyabwenge agira ubushobozi bwinshi,
kandi uwutahura agwiza inkomezi.
6 None rero ntuzoje mu ntambara utabanje kugirwa inama z’ubwenge;
kuko intsinzi iva ku bajenama benshi.
7 Ubwenge buri aho igipfu kidahamvya;
iyo kiri mw’ikoraniro ku nama ntikironka ico kivuga.
8 Uwigira inama yo gukora ikibi
yitwa umugizi wa nabi.
9 Imigambi y’ubupfu ni icaha,
kandi umucokoranyi yankwa n’abantu.
10 Niwiyonjorora rukamvye,
uzoba wari ufise inkomezi nke.
11 Urokore abatwawe kwicwa kubera akarenganyo,
abajugumizwa n’uko bagira bicwe ntuzobirengagize.
12 Niwavuga uti: "Ariko ntitwabimenye,"
mbega uwusesa imitima ntazoba abibona?
Uwuzigama ubugingo bwawe arazi ko wari ubizi.
Ni we azoha impera umuntu wese,
ikwiranye n’ibikorwa yakoze.
13 Mwana wanje, uzoje urarya ubuki, kuko ni bwiza.
Ubuki buvuye mu kimamara burasosa ku rurimi.
14 Ariko kandi umenye ko ubwenge na bwo busosera umushaha.
Niwaburonka, uzogira ivyizigiro vya kazoza keza,
kandi ivyo vyizigiro ntibizogutetereza.
15 Ntuzokwibunde inyuma y’inzu y’umugororotsi ugomba kumugirira nabi,
kandi ntugasahure ivy’aho aba.
16 Kuko umugororotsi naho yogwa incuro indwi azosubira ahaguruke.
Ariko abanyavyaha bazogwishwa n’amakuba.
17 Ntuze unezerwe umwansi wawe niyagwa,
kandi niyatsitara umutima wawe ntuze unezerwe.
18 Kuko vyohava bibabaza Uhoraho,
bigatuma amukurako uburake bwiwe.
19 Ntugashavurire inkozi y’ikibi,
kandi ntugashake kuba nk’umubi.
20 Kuko inkozi z’ibibi ntizigira ivyizigiro vya kazoza,
kandi itara ry’umubi rizozimwa.
21 Mwana wanje, wubahe Uhoraho, wongere wubahe umwami,
kandi ntukifatanye n’abagarariji,
22 kuko abo bompi bazomuteza ivyago ningoga.
Kandi mbega ni nde yoshobora kumenya ivyago bazomuteza ingene bingana?
23 Iyi ni iyindi migani y’abanyabwenge:
Guhengama mu rubanza ni bibi:
24 Umucamanza abwira umubi ati: "Urera," azovumwa n’abantu,
kandi amahanga azomurakira.
25 Ariko uwuhana uwakoze icaha azoba agize neza,
kandi imigisha myinshi izomuzako.
26 Inyishu igororotse
imeze nk’ugusomana kw’abakundana.
27 Banza uringanize neza ivyo hanze,
utegure imirima yawe,
hanyuma ubone kwubaka inzu yawe.
28 Ntukaburanye umubanyi wawe ata mvo,
kandi ntukamubeshere.
29 Kandi Ntukavuge uti: "Reka ndamwishure ivyo yankoreye,
ndamusubirize mu nkoko ibihwanye n’ivyo yakoze."
30 Umusi umwe naciye mu murima w’umunebwe,
nca no mu ruzabibu rw’umuntu w’imburabwenge;
31 nsanga ahantu hose hameze amahwa,
urwiri rwameze hose,
inzitiro z’amabuye zarahenaguritse.
32 Maze niyumvira ku vyo mbonye,
na vyo bimpa icigwa:
33 Niwavuga uti: "Hinge nisinzirire gatoya, mpungure gakeya,
nigorore gatoya, mpfunye amaboko,"
34 ubukene buzoguhwikira nk’igisuma,
ubworo bugutere nk’umwambuzi.