Publicidade

Provérbios 11

1 Umunzane uziritse ni igisesema k’Uhoraho,

ariko ingero ibereye iramunezereza.

2 Iyo ubwibone buje, kumaramara kurakurikira,

ariko mu kwicisha bugufi havamwo ubwenge.

3 Gutungana kw’abagororotsi kuzobarongora,

ariko ubujuju bw’abahinduka abandi buzobarandura.

4 Ubutunzi nta co buzomara ku musi w’urubanza,

ariko ubugororotsi bukiza urupfu.

5 Ubugororotsi bw’inyankamugayo bugorora inzira zabo,

ariko abanyakibi bazokubitwa hasi n’ububi bwabo.

6 Ubugororotsi bw’abatunganye ni bwo buzobakiza,

ariko abaryarukanyi bazogwa mu vyipfuzo vyabo bibi.

7 Iyo umunyakibi apfuye, ivyizigiro vyiwe biba biheranye na we.

Ivyo yari yiteze mu nkomezi ziwe bigahinduka ubusa.

8 Umugororotsi aratabarwa iyo ageze mu vyago,

maze ayo mabi akagwa ku munyakibi.

9 Uwutubaha Imana aranduza akanwa mugenziwe,

ariko ubumenyi buzokiza umugororotsi.

10 Umugororotsi ateye imbere, igisagara ciwe kiranezerwa;

kandi umunyakibi apfuye, havuzwa impundu.

11 Umugisha w’abagororotsi ushira hejuru igisagara,

ariko akanwa k’abanyakibi karagisambura.

12 Uwukengera umubanyi ni imburabwenge,

ariko uwufise ugutahura agumya ururimi rwiwe.

13 Umunyarusaku amena amabanga,

ariko umwizigirwa arayagumya.

14 Ihanga ribuze abarongozi b’ubwenge riratemba,

ariko abajenama benshi barizanira kuba amahoro.

15 Uwiyemeza kurihira umwenda uwo atazi nta kabuza bizomubabaza,

ariko uwanka kwifatanya n’uwundi mu mwenda azoba amahoro.

16 Umugore w’umugwaneza arubahwa,

ariko abagabo b’ibirara ico bunguka ni ubutunzi gusa.

17 Umugabo w’umugwaneza abikuramwo impera,

ariko inkozi y’ikibi yikwegera uguhona.

18 Umunyakibi aronka impera zitari zo,

ariko uwurima ukugororoka yimbura impera nyazo.

19 Umugororotsi aronka ubuzima,

ariko abanyakibi baja mu rupfu.

20 Uhoraho asesemwa n’abafise imitima yuzuye uruhendo,

ariko agahimbarwa n’abagendera mu nzira zitagira agasembwa.

21 Ubimenye: Umunyakibi ntazobura guhanwa,

ariko uruvyaro rw’umugororotsi ruzokwidegemvya.

22 Ubwiza bw’umugore atagira ubwenge,

ni nk’impeta y’inzahabu ku zuru ry’ingurube.

23 Ivyipfuzo vy’umugororotsi bimushikana ku vyiza,

ariko ivyizigiro vy’umunyakibi bimushikana ku burake.

24 Umwe atanga abikunze, akaronka umurengera;

uwundi akimana birenze urugero, bikamutera ubukene.

25 Uwutanga aratunga,

kandi uwuhembura abandi na we azohemburwa.

26 Uwimana ingano avumwa n’abantu,

ariko uwuzishora iyo zikenye asabirwa umugisha n’abantu.

27 Uwurondera ineza aronka ugukundwa,

ariko uwurondera ikibi ni co kimushikira.

28 Uwishimira ubutunzi bwiwe azotemba,

ariko umugororotsi azototahara nk’ibabi ryo mu rushana.

29 Uwutera umuryano mu muryago azoragwa umuyaga gusa,

kandi igipfu kizokorera abanyabwenge.

30 Imbuto y’ukugororoka ivamwo igiti c’ubuzima,

kandi umunyabwenge akiza ubuzima.

31 Nimba umugororotsi aronka impera yiwe hano kw’isi,

mbega umunyakibi n’umunyavyaha bo bizobagendera gute?

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-