1 Umwana w’ubwenge yumviriza inyigisho za se,
ariko umwana atagira indero ntiyemera gukosorwa.
2 Umuntu anezerererwa ivyiza bivuye ku vyamwa vy’akanwa kiwe,
ariko abahemu bipfuza cane umuryano.
3 Abazigama iminwa yabo baba barinze ubuzima bwabo,
ariko abavuga batiyumviriye bikwegera uguhona.
4 Umunebwe aripfuza mugabo nta co aronka,
ariko umunyamwete azoshitsa ivyipfuzo vyiwe vyose.
5 Umugororotsi yanka ububeshi,
ariko umunyakibi akengereza abandi
akikwegera isoni n’agasuzuguro.
6 Ubugororotsi buzigama umwizigirwa,
ariko umunyakibi azimizwa n’icaha.
7 Hari uwigira umutunzi kandi ata co afise,
uwundi akigira umukene kandi atunze cane.
8 Umutunzi ashobora gutanga ivyo gucungura amagara yiwe,
ariko umukene ntiyitaho n’ibimutera ubwoba.
9 Ubuzima bw’umugororotsi bwuzuye umuco n’umunezero,
ariko itara ry’umunyakibi ririko rirazima.
10 Ubwibone bukwega amatati,
ariko ubwenge ubusanga mu bemera impanuro.
11 Ubutunzi buvuye mu vyibwe buhera ningoga,
ariko ubuvuye mu gukora cane buguma bugwira.
12 Iyo ivyitezwe bitevye, umutima uragwara,
ariko icipfujwe iyo gishitse, kiba igiti c’ubuzima.
13 Uwugaya inyigisho azovyishura,
ariko uwubaha amabwirizwa abihererwa impera.
14 Inyigisho y’umunyabwenge ni isoko y’ubuzima,
igarura umuntu ngo ntagwe mu mitego y’urupfu.
15 Ukumenya kwiza gutera igikundiro,
ariko inzira z’abahemu zibashikana mu mahonero.
16 Umunyamakenga akorana ubwenge,
ariko igipfu kigaragaza ubujuju bwaco.
17 Intumwa mbi igwa mu vyago,
ariko intumwa nziza izana ugukira.
18 Uwanka guhanurwa bimutera ubukene no kumaramara,
ariko uwuzigama impanuro aterwa iteka.
19 Iyo icipfujwe gishitse kinezereza umutima,
ariko ibipfu bizirana no kureka icaha.
20 Uwugendana n’abanyabwenge aba umunyabwege,
ariko uwifatanya n’igipfu arabizira.
21 Ivyago bikurikirana umunyavyaha,
ariko kugubwa neza ni yo mpera y’abagororotsi.
22 Umugwaneza asigira itunga abuzukuru,
ariko itunga ry’umunyavyaha ribikiwe abubaha Imana.
23 Umurima w’umworo ushobora kwama cane,
ariko akarenganyo kagatuma asahurwa vyose.
24 Uwurinda umwana wiwe inkoni aba amwanka,
ariko uwumukunda amuhana uko bikwiye.
25 Umugororotsi araronka ivyo arya agahaga,
ariko inda y’umunyakibi yamana inzara.