Publicidade

Provérbios 28

1 Abanyakibi bahunga ata wubirukanye,

ariko umugororotsi arinda nk’intare.

2 Iyo igihugu kigumutse kiganzwa na benshi,

ariko umutware afise ubwenge abungabunga umutekano.

3 Umutware acinyiza aboro

ameze nk’imvura y’isegenya idasiga igiterwa inyuma.

4 Abataye ivyagezwe bashira hejuru abanyakibi,

ariko abavyubaha barabagwanya.

5 Inkozi z’ibibi ntizitahura ibibereye,

ariko abarondera Uhoraho batahura vyose.

6 Umukene agendera mu bugororotsi

aruta umutunzi w’indyarya.

7 Umunyabwenge wese yumvira ivyagezwe,

ariko uwugendana n’abakunzi b’inda atetereza se.

8 Uwigwiriza ubutunzi mu kwaka inyungu y’umurengera ku vyo aguranye umukene,

abwegeraniriza uwundi azofasha aboro.

9 Uwanka kwumva ivyagezwe,

amasengesho yiwe aba igisesema.

10 Uwuzimiza umugororotsi agaca mu nzira mbi

ni we agwa mu mutego,

ariko inyankamugayo izoragwa ivyiza.

11 Umutunzi yigira umunyabwenge mu vyiyumviro vyiwe;

ariko umukene w’umunyabwenge aramuhinyura.

12 Iyo abagororotsi banesheje haba umunezero mwinshi,

ariko iyo umunyakibi ashizwe hejuru,

abantu bose barinyegeza.

13 Uwuhisha ivyaha vyiwe nta mahirwe agira,

ariko uwuvyatura akabiheba agirirwa ubuntu.

14 Hahiriwe umuntu yama ahindira agashitsi imbere y’Uhoraho,

ariko abakomantaza imitima bazogwa mu vyago.

15 Uko intare itontoma ihiga idubu

ni ko umutware mubi amerera abakene.

16 Umutware atagira ugutahura aracinyiza,

uwanka amaronko mabi azorambira ku ngoma.

17 Uwubujijwe amahororo n’amaraso yasheshe

ahungira mu mva;

ntimuze mumutangire.

18 Inyankamugayo izorokorwa mu vyago,

ariko uwugoramika inzira ziwe azogwa mu rwobo.

19 Uwurima itongo ryiwe azoronka umwimbu mwinshi,

ariko uwirukira ibitagira ikimazi azohaga ubukene.

20 Umwizigirwa azokwuzuzwa imigisha,

ariko uwihutira kuronka ubutunzi ntazobura guhanwa.

21 Kurenganya si vyiza;

ariko hariho abarya igiturire c’umukate.

22 Uwipfuza ivy’abandi yihutira gutunga,

kandi ntamenya ko ubukene bumurindiriye.

23 Uwuhanura mugenziwe azobimushimira,

gusumvya uwumushigikira mu gahemo.

24 Uwusahura se na nyina

akibwira ati: "Nta co bitwaye,"

ni umugenzi w’umuranduzi.

25 Uwipfuza ivy’abandi atera umuvurungano,

ariko uwizigira Uhoraho aratera imbere.

26 Uwiyizigira ubwiwe ni igipfu,

ariko uwugendana ubwenge asimba ivyago.

27 Uwugaburira aboro nta co azobura,

ariko uwubiyobagiza azokwuzurako imivumo.

28 Iyo umunyakibi agiye ku butegetsi abantu barinyegeza,

ariko iyo umunyakibi apfuye, abagororotsi baragwira.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-