Publicidade

Provérbios 27

1 Ntukishimire ivy’ejo,

kuko nta wumenya ivyo haramukana.

2 Uzoshimwe n’uwundi, atari akanwa kawe;

azobe uwo hanze, atari iminwa yawe.

3 Ibuye riraremereye, kandi umusenyi ugira ibilo vyinshi,

ariko ugusotora kw’igipfu kuremera gusumba ivyo vyompi.

4 Ishavu ni umwicanyi, kandi uburake butwara nk’umukuba w’uruzi;

ariko ni nde yohagarara imbere y’ishari?

5 Gukeburirwa ahabona

kuruta urukundo rwinyegeje.

6 Umukunzi agukomeretsa aba ari uwo kwizigira,

ariko ukugumbirana kw’umwansi ni agahemo gasa.

7 Ku wuhimvye ubuki burabiha,

ariko ku wushonje n’ibirura birasosa.

8 Uwangarira kure y’i muhira

ameze nk’inyoni iyererera kure y’icari.

9 Ibimota neza binezera umutima,

nayo ibinezero vy’umugenzi

bikava ku mutima umuhanura neza.

10 Ntugahebe umugenzi wawe canke umugenzi w’umuryago wawe,

kandi ntukaje ku ncuti yawe ku musi ivyago biguteye,

kuko umubanyi wa hafi asumba incuti ya kure.

11 Gira ubwenge, mwana wanje, maze uhimbare umutima wanje;

ni ho nzoronka ico nishura abantuka.

12 Umunyamakenga yama abona icago kitaramushikira akacikinga,

ariko igipfu gipfa kugenda, hanyuma kikisanga mu kaga.

13 Twara impuzu y’uwishinze uwo atazi,

ufate ingwati y’uwishinze abahita.

14 Nihagira uwuzinduka guhezagira mugenziwe n’ijwi rirenga,

ico kizomubera nk’umuvumo.

15 Ivano riguma ritonyanga ku musi imvura yirijeko

ni nk’umugore atongana.

16 Kumutesha ni nko kugumya umuyaga,

canke kugumya amavuta mu kiganza.

17 Nk’uko icuma gikarisha ikindi cuma;

ni ko umuntu akarishanya na mugenziwe.

18 Uwututurira umusukoni azorya ivyamwa vyawo;

kandi uwukingira shebuja azohabwa icubahiro.

19 Nk’uko umuntu abona ishusho yiwe mu mazi;

ni ko ubuzima bw’umuntu bwerekana umutima wiwe.

20 Uko Rupfu na Muranduzi batigera bahaga;

ni ko n’amaso y’abantu ameze.

21 Ifeza n’inzahabu bitunganywa n’umuriro,

ariko umuntu asuzumwa n’ugushimagizwa.

22 Naho wosekura igipfu mw’isekuro,

ukakinoza nk’uwusekuza ingano umuhini,

ntiwogikuramwo ubupfu bwaco.

23 Gira umwete wo kumenya ibitungwa vyawe ingene vyifashe;

umenye neza amasho yawe ingene ameze

24 kuko ubutunzi ntibwamaho,

nk’uko urugori rutamaho uko urunganwe rugenda rukurikirana.

25 Ubwatsi bumaze gutemwa haza ubundi,

ubwo ku misozi bukegeranywa,

26 imyagazi yawe izokwambika,

kandi impene zawe zizokugurira itongo.

27 Uzokamira umuryango wawe amata y’impene akwiye,

agutungire incoreke zawe.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-