1 Nk’uko shelegi itabereye kugwa mu ci canke imvura mw’iyimbura,
ni ko icubahiro kidakwiye igipfu.
2 Nk’uko intamba iguruka kandi nk’uko inyamanza iguruka,
ni ko umuvumo uvumiwe ubusa umera.
3 Nk’uko ikimoko kibereye ifarasi, n’umujiginya ukabera indogoba,
ni ko umugongo w’igipfu ubereye inkoni.
4 Ntugasubize igipfu ibihwanye n’ubupfu bwaco,
ahandi ho uzoba ubaye nka co.
5 Ariko uze wishure igipfu ibigaragaza ubupfu bwaco,
kugira ngo nticigire umunyabwenge.
6 Kurungikana ubutumwa igipfu
ni nko kwica ukuguru canke kunywa uburozi.
7 Amajambo y’ubwenge mu kanwa k’igipfu,
ni nk’ukuguru kuvunitse gusigaye kurereta ata co kumaze.
8 Guha icubahiro igipfu
ni nko kubohera ibuye ku mugozi
9 Umugani uciwe n’igipfu
umeze nk’ihwa rihanda mu kigaza c’imborerwa.
10 Uwuha akazi igipfu canke uwuhita wese
ameze nk’uwupfa kurasa mu bantu.
11 Nk’uko imbwa isubira ku vyo yadashwe,
ni ko igipfu gisubiramwo ubupfu bwaco.
12 Igipfu gifise amahirwe
kurusha uwibaza ko ari umunyabwenge kandi atari we.
13 Umunyabute avuga ati: "Hari intare mu nzira,
intare y’inkazi iriko iratontoma mu nzira!"
14 Nk’uko urugi rwizungurutsa ku mapata yarwo
ni ko umunebwe yihindukiza ku buriri bwiwe.
15 Umunebwe atwara ukuboko mw’isahani,
ariko akananirwa no kukugarukana ku munwa.
16 Umunyabute yibwira ko ari umunyabwenge
kurusha abantu indwi bashobora kwishurana ubwenge.
17 Umuntu ari ku nzira arengana akisuka mu bihari bitamwerekeye
ameze nk’umuntu afashe imbwa amatwi.
18 Umuntu abesha mugenziwe,
agaca yivugira ati: "Nariko ndatebura,"
19 ameze nk’uwurasa ibishirira
canke imyampi yica mu bantu.
20 Nk’uko iyo inkwi ziheze, umuriro uzima,
ni ko n’iyo ata rusaku ruhari ibihari bihera.
21 Nk’uko urubeya rufatisha amakara canke inkwi,
ni ko uwukunda gutongana atangura ibihari.
22 Amajambo y’urusaku ameze nk’ivyokurya biryoshe;
aramanuka agashika i bwina mu mutima w’umuntu.
23 Amajambo meza ava mu mutima mubi
ameze nk’umuringa w’ifeza ushizwe ku nkono y’ibumba.
24 Umwankanyi yihisha inyuma y’amajambo yiwe aryoshe,
ariko umutima wiwe urimwo inama z’ubuhemu.
25 Naho amajambo yiwe aryohera amatwi, ntukamwizere;
umutima wiwe wuzuye ubuyobe.
26 Naho yogenda arabesha ahisha uburyarya bwiwe,
ibikorwa bibi vyiwe bizoja ku mugaragaro.
27 Uwimbira ikinogo uwundi ni we azokigwamwo;
kandi uwuzotembagariza ikibuye ku wundi,
ni we kizofyonyora.
28 Ururimi rubesha rwanka abo rubabaza,
kandi akanwa kavuga ibinyomya karasenyura.