1 Iyi ni iyindi migani ya Salomo, yegeranijwe n’umujenama w’umwami Hezekiya, umwami w’i Buyuda:
2 Icubahiro c’Imana ni uguhisha ibintu,
ariko icubahiro c’abami ni ukubihishura.
3 Nk’uko ijuru riri hejuru cane, n’i kuzimu hakaba harehare,
ni ko umutima w’umwami ata wumenya ibiwurimwo.
4 Tyorora ifeza,
izohinduka igikoresho c’umucuzi.
5 Kura umubi imbere y’umwami,
inganji yiwe izokomezwa n’ubugororotsi.
6 Ntukishire hejuru imbere y’umwami,
kandi ntugasabe icicaro mu bahambaye.
7 Ni vyiza kurindira bakakubwira bati:
"Shika hano imbere" aho kwirukanwa kure umaramara imbere y’abubahwa.
Ivyo ni vyo umaze kwibonera.
8 Ntukihute kwitwarira umubanyi mu bucamanza,
kuko agutsinze womaramara,
ukabura uko ubigenza.
9 Nihagira ico mupfa n’umubanyi wawe,
ntuzobifatireko ngo umene ibanga uwundi muntu yakubwiye,
10 abandi bohava bavyumva bakakwagiriza urusaku,
ukaba wambaye iceyi utazikurako.
11 Ijambo rivuzwe mu gihe caryo ni ryiza;
rimeze nk’icamwa c’inzahabu mu nkoko y’ifeza.
12 Ku wufise ugutwi kwumva, impanuro y’umunyabwenge
imeze nk’ihereni ry’inzahabu,
canke urugori rw’inzahabu nziza.
13 Nk’uko amazi akanye amerera isi mu bushuhe bwo mu ci,
ni ko intumwa y’umwizigirwa imerera uwayitumye.
Isubiza itoto umutima wa shebuja.
14 Uwusezerana gutanga ingabire ariko ntashitse,
ameze nk’ibicu n’umuyaga bitazana imvura.
15 Ukwihangana bigondoza umutware,
kandi ururimi rwiyoroheje rushobora kuvuna igufa.
16 Niwaronka ubuki, uzorye ubugereranye,
kuko niwarya bwinshi cane uzobudahwa.
17 Ntukamize ikirenge mu rugo rw’umubanyi,
kugira ngo ntibazoguharuruke, bakakwanka.
18 Umuntu arementaniriza ibinyoma umubanyi wiwe
ameze nk’ishoka, inkota canke umwampi usongoye.
19 Gushira ivyizigiro ku muhemu mu gihe c’ivyago,
ni nko guhekenyesha iryinyo ricitse,
canke kugendesha ukuguru kuvunitse.
20 Uwuririmbira uwufise umutima ubabaye
ameze nk’uwiyambura impuzu mu gihe c’imbeho,
canke uwusuka inkarisha mu gikomere.
21 Umwansi wawe niyasonza, uramugaburira;
niyanyoterwa umuhe ico kunywa.
22 Uzoba umusutse amakara yaka ku mutwe,
kandi Uhoraho azobiguhera impera.
23 Nk’uko umuyaga uturuka mu buraruko uzana imvura,
ni ko ururimi ruvuga urusaku rutera kwiraburanirwa.
24 Wopfuma wibana mu mfuruka y’igisenge c’inzu,
hako ubana mu nzu nziza n’umugore w’intonganya.
25 Nk’uko amazi apfutse amerera umuntu anyotewe,
ni ko inkuru nziza ivuye kure imera.
26 Umugororotsi ahendwa n’umunyakibi akifatanya na we
aba ameze nk’iriba ritobwe canke ryuzuyemwo isuri.
27 Si vyiza kurya ubuki bwinshi
kandi si vyiza ko umunyacubahiro arondera ko bakimuha.
28 Umuntu adashobora kwirinda ishavu
ameze nk’igisagara gifise inzitiro zasenyutse.