1 Bwenge yubatse inzu yiwe,
ayishigikiza inkingi indwi.
2 Hanyuma ategura inyama z’amazimano, ategura n’umuvinyu arawutunganya,
mbere ategura n’imeza yiwe.
3 Maze atuma abamukorera ngo baje gutumira,
ahamagara n’ijwi rirenga ari ahataramutse ho mu gisagara, avuga ati:
4 "Abanyabwenge buke bose nibaze mu nzu yanje!"
Ni ko abwira ibijuju, ati:
5 "Nimuze murye ivyokurya vyanje,
munywe n’umuvinyu natunganije.
6 Nimuve mu nzira zanyu z’ukutamenya mubone kubaho;
nimugendere mu nzira z’ugutahura."
7 Uwuhanura umucokoranyi aba yikwegeye ibitutsi,
kandi uwuhana umunyakibi yikwegera kugirirwa nabi.
8 Ntuze uhanure umucokoranyi, kuko azoca akwanka;
uzohanure umunyabwenge, kuko azoca agukunda.
9 Niwigisha abanyabwenge, bazokwongererezwa ubwenge;
kandi niwigisha abagororotsi, bazoca bongereza ubumenyi.
10 Ukwubaha Uhoraho ni kwo tanguriro ry’ubwenge,
kandi kumenya Uwera ni kwo gutahura.
11 Muri jewe Bwenge ni ho imisi yawe izokwongererezwa,
n’ubuzima bwawe bukongerwa imyaka.
12 Niwaba umunyabwenge, ubwenge bwawe buzoguha impera.
Ariko niwaba inshirasoni, ni wewe nyene bizobabaza.
13 Umugore w’igipfu avugira hejuru;
ntagira indero, nta n’ubwenge afise.
14 Yicara ku muryango w’inzu yiwe,
ku ntebe iri ahataramutse ho mu gisagara,
15 agahamagara abahita,
bigiriye mu vyabo,
16 Akabwira ibijuju ati:
"Umunyabwenge buke wese niyinjire hano!"
17 "Amazi y’amibano araryoshe,
n’indya ziririwe mu kinyegero ziri n’akanovera."
18 Ariko abo ntibamenya ko aho ari ho abapfuye bari,
ko abashitsi b’uwo mugore bari mu rwobo i kuzimu.