1 Bana banje, nimutege amatwi inyigisho z’umuvyeyi;
muzishireko umutima kugira ngo mugire ubwenge.
2 Ndiko ndabaha inyigisho nyazo;
none rero ntimukanke inyigisho zanje.
3 Kuko nanje narabaye umwana kuri data,
kandi narakundwa cane na mama nk’umwana w’ikinege.
4 Data yanyigishije ati: "Ushire amajambo yanje ku mutima,
ugendere mu mabwirizwa yanje,
ni ho uzobona kubaho.
5 Rondera ubwenge, rondera ugutahura;
ntiwibagire amajambo yanje canke ngo uyavemwo.
6 Ntugahebe ubwenge kuko ni bwo buzokuzigama;
ahubwo ubukunde kuko ni bwo buzokurinda.
7 Kugira ngo ube umunyabwenge, rondera ubwenge.
Naho vyogusaba gutanga ivyawe vyose,
bitange uronke ugutahura.
8 Niwabuha agaciro, na bwo buzokugira uwuhambaye.
Bugumbire, na bwo buzoguhesha icubahiro.
9 Buzokwambika urugori rusharije ku mutwe,
bukwerekane wambaye urugori rw’ubwiza."
10 Ntega amatwi mwana wanje, wemere ivyo nkubwira,
ni ho imyaka yo kubaho kwawe izokwongerekana.
11 Ndakwigisha inzira z’ubwenge,
kandi ndakurongorera mu nzira zigororotse.
12 Mu gutambuka ntakizogutangira,
kandi niwiruka ntuzotsitara.
13 Ucakire inyigisho zanje, ntuziveko.
Uzizigame neza kuko ni zo buzima bwawe.
14 Ntuze utumbereze ibirenge vyawe mu nzira z’abanyakibi,
canke ngo ugendere mu ngeso z’inkozi z’ikibi.
15 Irinde inzira yabo, ntuyicemwo,
ahubwo hindukira ufate inzira yawe.
16 Kuko ntibashobora gusinzira badakoze ikibi;
ntibaruhuka batagize uwo batsitaza.
17 Barya ivyokurya bivuye mu kibi,
bakanywa umuvinyu w’umuryano.
18 Inzira y’abagororotsi ni nk’umuco wo mu mutwenzi,
ugenda urushiriza gukayangana gushitsa ku murango.
19 Ariko inzira y’abanyakibi imeze nk’umwijima w’umuzitanya,
ntibamenya n’ico batsitarako.
20 Mwana wanje, niwumve ivyo nkubwira,
utege amatwi amajambo yanje.
21 Ntuze wigere uyibagira,
uyazigame mu mutima,
22 kuko azanira ubuzima abayakira,
akabaha amagara meza mu mubiri wabo wose.
23 Urinde umutima wawe kuruta ibindi vyose,
kuko muri wo ari ho hari isoko y’ubugingo.
24 Ushire kure yawe amajambo y’ubupfu,
urinde akanwa kawe kuvuga amajambo mabi.
25 Wame uraba imbere yawe,
amaso yawe uyahange ibiri imbere yawe.
26 Wiyumvire cane ku nzira ugiye gucamwo,
utumbereze ibirenge vyawe mu nzira y’ukuri.
27 Ntukebereze i buryo canke i bubamfu,
urinde ibirenge vyawe vyoye gukurikira ikibi.