1 Ntiwumva ko Bwenge ariko ahamagara n’ijwi rirenga?
Ntiwumva ko ugutahura kudugije ijwi ryakwo?
2 Ahagaze ku gatwe k’umusozi,
no ku mahwane y’inzira.
3 Arasemerera ari ku marembo aja mu gisagara
no ku mabarabara ajayo.
4 Avuga ati: "Yemwe bagabo, ni mwebwe mbwira;
ndugije ijwi mpamagara abantu bose.
5 Yemwe mwa mburabwenge, nimuronke ubwenge.
Namwe mwa bijuju, nimuronke ugutahura.
6 Nimunyumvirize, kuko mfise ivyiza vyo kubabwira,
nteranuye akanwa kanje ngo mbabwire ibibereye.
7 Akanwa kanje kavuga ukuri,
kuko iminwa yanje yanka ububeshi bw’uburyo bwose.
8 Amajambo yo mu kanwa kanje yose aragororotse,
nta na rimwe muri yo rigoramye canke ry’uruhendo,
9 yose arumvikana ku bafise ubwenge,
kandi aragororotse ku baronse ubumenyi.
10 Nimuhitemwo inyigisho zanje muzirutishe ifeza,
n’ubumenyi muburutishe inzahabu.
11 Kuko ubwenge buhambaye kurusha amabuye y’agaciro,
kandi nta co kwipfuzwa cogereranywa na bwo.
12 Jewe Bwenge mbana no kwiyubara.
Kandi mfise ubwenge no kurobanura.
13 Kwubaha Uhoraho bitera kwanka ikibi.
Ni co gituma nanka ubwibone, ukwishira hejuru,
ingeso mbi hamwe n’amajambo y’uruhendo.
14 Kuja inama no kugira ivyiyumviro birashe ni ivyanje;
mfise ugutahura hamwe n’ububasha.
15 Abami ni jewe ndabaha kuganza,
abatware nkabaha gushinga amategeko abereye.
16 Abaganwa baganza kubera jewe,
co kimwe n’abashizwe hejuru hamwe n’abacamanza bo kw’isi bose.
17 Nkunda abankunda,
kandi abandondera bose bazondonka.
18 Ubutunzi n’icubahiro biri kumwe nanje,
hamwe n’amatungo n’ubugororotsi.
19 Icamwa canje ni ic’agaciro gusumba inzahabu itunganijwe,
ivyamwa vyanje bisumvya agaciro ifeza yarobanuwe.
20 Ngendera mu nzira z’ukugororoka,
no mu nzira z’ubutungane.
21 Abankunda baragwa ubutunzi,
kandi nzokwuzuza ibigega vyabo.
22 Uhoraho yambumvye mu ntango y’igikorwa ciwe,
imbere y’uko arema ibindi vyose.
23 Nashizweho imbere y’ibihe,
uhereye mbere na mbere, isi itararemwa.
24 Navutse ibiyaga bitararemwa,
amasoko adudubiza amazi atarabaho.
25 Imbere y’uko imisozi ishirwaho, n’imbere y’uko imitumba ibaho,
nari naravutse.
26 Navutse kera cane imbere y’uko Imana irema isi n’imirima,
canke urushi rwa mbere rw’ivu.
27 Igihe yashiraho amajuru ni ho nari ndi,
n’igihe yashiraho urubibe rw’i kuzimu ni ho nari ndi.
28 Igihe Uhoraho yashira ibicu hejuru ni ho nari ndi,
kandi n’igihe yaha inkomezi amasoko y’i kuzimu ni ho nari ndi.
29 Igihe yashiraho imbibe z’ibiyaga,
kugira ngo ntibirenge inkombe zavyo,
kandi n’igihe yashiraho imfatiro z’isi ni ho nari ndi.
30 Ico gihe nari kumwe na yo ndi nk’umuhinga.
Namana akamwemwe imisi yose,
nezererewe imbere yiwe.
31 Nari nezererewe isi yose yaremye,
nezererewe abana b’abantu.
32 None rero, bana banje, nimuntege amatwi;
hahiriwe abagendera mu nzira zanje.
33 Nimwumve inyigisho zanje, maze mugire ubwenge,
ntimuzirengagize.
34 Hahiriwe umuntu antega amatwi,
akaguma anderetse ari ku muryango wanje ku musi ku musi,
akandindirira mu rwinjiriro.
35 Kuko uwundonse aba aronse ubuzima,
kandi agira ikiganza ciza k’Uhoraho.
36 Ariko uwutandondeye aba yishe ubuzima wiwe,
kuko abanyanka bose bakunda urupfu."