Publicidade

Provérbios 20

1 Umuvinyu uzana ugucokorana, inzoga zigatera uruyogoyogo;

uwo bihubisha inzira ntagira ubwenge.

2 Uburake bw’umwami ni nk’ugutontoma kw’intare;

uwumushavuza aba akwegeye ubuzima bwiwe.

3 Uwirinda ibihari aba yihesheje icubahiro,

ariko igipfu cihutira gutongana.

4 Umunebwe wa cane abuzwa n’imbeho kurima,

ariko iyimbura rigeze, azosega abure.

5 Imigambi yo mu mutima w’umuntu ni nk’amazi yo mw’iriba;

umutima ufise ugutahura ni wo uyiroba.

6 Abenshi bavuga ko ari abakunzi b’ukuri,

ariko umwizigirwa w’ukuri umuntu yomukura he?

7 Uwubaha Imana agendera mu bwizigirwa;

hahiriwe abana bazomukomokako.

8 Iyo umwami yicaye ku ntebe y’imanza,

agosoza ijisho ryiwe ikibi n’iciza.

9 Ni nde yovuga ati: "Narejeje umutima wanje,

narawutyoroye, nta caha mfise?"

10 Iminzane idakwiye n’ingero zidakwiye,

Uhoraho abizinukwa vyompi.

11 Mbere n’umwana amenyekanira ku vyo akora,

bikerekana ko azoba uwutunganye, agororotse.

12 Amatwi yumva n’amaso abona,

vyompi ni Uhoraho yabiremye.

13 Ntugakunde agatiro, ahandi ho uzoba umukene;

wame maso, ni ho uzogira indya mu kigega.

14 Umuguzi yama avuga ati: "Birazimvye, birazimvye";

ariko yarengana akishima ko asumye neza.

15 Hariho inzahabu n’amabuye y’agaciro menshi,

ariko iminwa ivuga ivy’ubwenge ifise agaciro kurusha ivyo vyose.

16 Twara impuzu y’uwishinze uwo atazi,

ufate ingwati y’uwishinze abahita.

17 Umukate wibwe urasosa,

ariko mu nyuma uhinduka nk’umusenyi mu kanwa.

18 Uzosabe impanuro niwagira umugambi,

kandi niwaja mu ntambara ube ufise impanuro z’ubwenge.

19 Imvuzi igenda iramena ibanga;

uze wirinde kwifatanya n’uwitoraguza.

20 Uwuvuma se na nyina

itara ryiwe rizozimirizwa mu mwijima w’umuzitanya.

21 Iragi umuntu aronse vuba na vuba

iherezo ryaryo ntiribamwo umugisha.

22 Ntuzovuge uti: "Nzokwihora ikibi nagiriwe!"

Rorera Uhoraho, na we azoguhora.

23 Uhoraho azinukwa iminzane iziritse,

kandi iminzane iziritse ni igisesema kuri we.

24 Intambuko z’umuntu zirongorwa n’Uhoraho.

Mbega none umuntu yotahura inzira yiwe gute?

25 Kwihutira gusezeranira Imana bita mu mutego,

kuko amara kurahira hanyuma akicuza.

26 Umwami w’ubwenge asekura abanyakibi nk’uwusekura ingano,

akabagosoza urutaro.

27 Itara ry’Uhoraho rimurika mu mutima w’umuntu,

rigasesa ivyinyegeje muri wo.

28 Urukundo n’ubwizigirwa ni vyo biha umwami kuba amahoro,

kandi mu rukundo ni ho inganji yiwe ikomerera.

29 Icubahiro c’umusore ni inkomezi ziwe,

imvi na zo ni ryo teka ry’umutama.

30 Ibikomere n’inguma bikuraho ikibi,

kandi gukubitwa bigorora ingeso.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-