Publicidade

Provérbios 23

Umugani wa 7

1 Niwasangira n’umutware,

uzoshire umutima ku bishizwe imbere yawe.

2 Niwaba wari usanzwe urya cane,

ugerageze ugabanye.

3 Ntukipfuze ivyokurya vyiwe biryoshe,

kuko ivyo vyokurya birahenda.

Umugani wa 8

4 Ntukarushwe no kwiruka inyuma y’ubutunzi,

ariko ugire ubwenge bwo kwihangana.

5 Ubutunzi uba ukibukubise ijisho

bukaba bwagurutse,

kuko bumera amababa bukaguruka nk’inkukuma.

Umugani wa 9

6 Ntukarye ivyokurya vy’uwufise ijisho ribi,

canke ngo wipfuze ivyokurya biryoshe vyiwe;

7 aguma aharura igiciro cavyo,

aranakubwira ati: "Fungura, nunywe!"

Ariko ntibiba bivuye ku mutima.

8 Utwo watamiye uzotudahwa,

kandi amajambo yawe yo kumushimira azoba yapfuye ubusa.

Umugani wa 10

9 Ntukaganirize igipfu,

kuko kizogaya ubwenge buri mu majambo yawe.

Umugani wa 11

10 Ntukunguruze akarimbi

kandi ntukarenganye impfuvyi,

11 kuko Umucunguzi wabo ari uwuhambaye;

ni we ubwiwe azobaburanira.

Umugani wa 12

12 Ushire umutima wawe ku kwigishwa,

wongere utege amatwi amajambo y’ubumenyi.

Umugani wa 13

13 Ntubure guhana umwana wawe;

niwamukubita inkoni ntazopfa.

14 Umuhanishe inkoni,

uzoba umurinze ubupfu bw’umushaha.

Umugani wa 14

15 Mwana wanje, niwagira ubwenge bwo mu mutima,

umutima wanje uzohimbarwa.

16 Ibingize vyose bizonezerwa

akanwa kawe nikavuga ibituganye.

Umugani wa 15

17 Ntuze wemerere umutima wawe kwipfuza ivy’abanyavyaha,

ariko wame uhahamiye kwubaha Uhoraho.

18 Ni ho uzogira ivyizigiro vya kazoza,

kandi ivyo vyizigiro ntibitetereza.

Umugani wa 16

19 Ntega amatwi Mwana wanje, kandi ugire ubwenge,

uzigamire umutima wawe mu nzira igororotse.

20 Ntukifatanye n’imborerwa,

canke ngo usangire n’abakunzi b’inda,

21 kuko bariko baja mu bukene,

kandi itiro ryinshi rizobambika imishambara.

Umugani wa 17

22 Umvira so wawe, we yakuvyaye,

kandi ntugaye nyoko mu myaka yiwe y’ubusaza.

23 Wigurire ukuri, kandi ntuzokugurishe.

Uronke ubwenge, indero nziza hamwe n’ugutahura.

24 Se w’intungane agira umunezero mwinshi,

kandi uwufise umwana w’umunyabwenge aramuhimbarirwa.

25 None rero uzohimbare so na nyoko!

Nyoko yakuvyaye umutere umunezero.

Umugani wa 18

26 Mwana wanje, numpe umutima wawe,

kandi amaso yawe uyagumize ku nzira zanje.

27 Kuko umusambanyikazi ni icobo kirekire,

kandi umugore w’icigenze ni ikinogo caga.

28 Yibundira abantu nk’umwambuzi,

agatuma abagabo b’ibihemu bagwira.

Umugani wa 19

29 Ni nde abonye ibara?

Ni nde afise umubabaro?

Ni nde afise amahane?

Ni nde afise imyidogo?

Ni nde afise inguma zatari zikenewe?

Ni nde afise ijisho ritukurije?

30 Ni abama mu bunywero,

bama bahonja ku nzoga nshasha.

31 Ntukihweze inzoga itukurije,

ibiragira mu kirahuri,

ikimiminura!

32 Amaherezo yayo ikomorana nk’inzoka,

ubumara bwayo ni nk’ubw’inkoma.

33 Amaso yawe azoraba ntabibone neza,

n’ubwenge bwawe buziyumvira ibitaroranye.

34 Uzomera nk’uwuryamye hagati mu kiyaga,

canke uwuryamye ku mutwe w’inyuma w’ubwato.

35 Uzovuga uti: "Bankubise ariko sinababaye.

Bampotaguye ariko nta na kimwe numva.

Mbega nza kuvyuka ryari

ngo nsubire nsome rimwe?"

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-