Publicidade

Provérbios 14

1 Umugore w’umunyabwenge yubaka urugo rwiwe,

ariko uw’igipfu arusambuza amaboko yiwe.

2 Uwubaha Uhoraho wese agendera mu bugororotsi,

ariko abamukengera bose baba bataye inzira.

3 Amajambo y’igipfu akwegera inkoni umugongo waco,

ariko amajambo y’umunyabwenge ni yo amuzigama.

4 Ahatagira inka zirima ubwato bugumana isuku,

ariko inkomezi z’inka irima ni zo zizana umwimbu mwinshi.

5 Icabona c’ukuri ntikibesha,

ariko icabona kibi gihumeka ububeshi.

6 Umucokoranyi ararondera ubwenge ntaburonke,

ariko ubwenge buranyaruka kuza ku wufise ugutahura.

7 Wigirwe kure y’igipfu,

kuko ata bumenyi uzosanga mu majambo yaco.

8 Abanyamakenga baratahura iyo bariko baja,

ariko ibipfu ni vyo vyikwegera kuzimira.

9 Ibipfu bicokora uwigarura kubera icaha yakoze,

ariko mu bagororotsi hari ukurondera gusubiza hamwe.

10 Umutima wose urazi umururazi uri muri wo,

kandi nta wushobora gutahura umunezero wawo nka wo.

11 Inzu y’umunyakibi izosenyurwa,

ariko ihema ry’umugororotsi rizotera imbere.

12 Hari inzira umuntu yibwira ko ari nziza,

ariko impera yayo ikamushikana mu rupfu.

13 Umuntu ashobora gutwenga kandi umutima wiwe urimwo agahinda,

ariko inyuma y’agatwengo, agahinda kagumaho.

14 Abasubiye inyuma mu mitima bazokwimbura ibihwanye n’inzira zabo,

abagwaneza na bo bazobihererwa impera.

15 Ikijuju cemera ibivuzwe vyose,

ariko umunyamakenga yiyumvira ku ntambuko ziwe.

16 Umunyabwenge yubaha Uhoraho akanka ikibi,

ariko igipfu cigira icikwije, kikiyemera ubwaco.

17 Uwihuta kuraka akora ivy’ubupfu,

kandi uwugira imigabo mibi arankwa.

18 Ibijuju vyambikwa ubupfu,

ariko abanyabwenge bambikwa urugori rw’ubumenyi.

19 Ababi bazokwikubita imbere y’abeza,

kandi abanyavyaha bazokwunama imbere y’irembo ry’umugororotsi.

20 Aboro barankwa mbere n’imbere y’ababanyi babo,

ariko abatunzi bagira abagenzi benshi.

21 Uwugaya mugenziwe aba akoze icaha,

ariko uwufasha aboro agira umugisha.

22 Abagira imigabo yo gukora ibibi baba barazimiye,

ariko abategura gukora ineza baronka urukundo n’ubwizigirwa.

23 Ico umuntu akora kimuzanira inyungu,

ariko amajambo yonyene azana amapfa.

24 Ubutunzi bw’umunyabwenge ni bwo rugori rwiwe,

ariko ubupfu bw’ibipfu buzana ubupfu nyene.

25 Icabona kivuga ukuri kirokora ubuzima,

ariko icabona kibi ni igihemu.

26 Uwubaha wese afise ubwihisho bukomeye k’Uhoraho,

kandi uruvyaro rwiwe Uhoraho azorubera ubuhungiro.

27 Ukwubaha Uhoraho ni isoko y’ubuzima,

kugarura umuntu ngo ntagwe mu mitego y’urupfu.

28 Ihanga rifise abantu benshi ni iteka ku mwami,

ariko iyo ribuze abantu aba atakaje ububasha.

29 Uwitonda aba ahambaye kubera ugutahura kwiwe,

ariko uwihuta kuraka akwiragiza ubupfu.

30 Umutima urimwo amahoro uzana ubuzima bwiza mu mubiri,

ariko ukwipfuza kuboza amagufa.

31 Uwurenganya aboro aba akengereye Umuremyi wabo,

ariko uwufasha aboro aba ahesheje Imana icubahiro.

32 Iyo ivyago biteye, abanyakibi baratikira,

ariko no mu rupfu abagororotsi bafise ubuhungiro mu Mana.

33 Ubwenge bwicaye mu mutima utahura,

kandi no ku bipfu ntibureka kwimenyekanisha.

34 Ubugororotsi ni bwo bushira hejuru ihanga,

ariko icaha kigayisha ihanga iryo ari ryo ryose.

35 Umwami atonesha umunyabwenge,

ariko uburake bwiwe buri ku muntu akora ibiterasoni.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-