1 Iyi ni imigani ya Salomo, mwene Dawidi, umwami wa Isirayeli.
2 Intumbero y’iyi migani ni ukwigisha abantu ubwenge no kubatoza indero,
no kubafasha gutahura amajambo y’ubwenge.
3 Yigisha abantu kugira ubwenge bwo kuroranya ibintu mu buzima,
bagakora ibigororotse, ibitunganye n’ibibereye.
4 Iyo migani yigisha ubwenge abazi bike,
abakiri bato ikabaha ubumenyi bwo guserangura.
5 Umunyabwenge niyumve iyi migani, yongereze ubumenyi,
uwufise ubuseranguzi aronke ukurongorwa,
6 kugira ngo atahure iyi myibutsa n’iyi migani,
amajambo y’abanyabwenge n’amabanga yayo.
7 Ukwubaha Uhoraho ni kwo tanguriro ry’ubwenge,
ariko ibipfu bikengera ubwenge n’ugutozwa indero.
8 Mwana wanje, wumvire ico so akubwira,
kandi ntukanke ico nyoko akwigisha.
9 Bizokubera urugori rw’ubuntu ku mutwe,
n’umugufu ushariza izosi.
10 Mwana wanje, abanyavyaha nibakwosha,
ntukabumvire.
11 Nibakubwira bati: "Ingo tujane;
tuje gusesa amaraso,
dutege umutego abatagira icaha;
12 ingo tubamire ari bazima, nk’uko imva imira abantu,
tubamire bose nk’abaja muri rwa rwobo rw’urupfu;
13 ni ho tuzoronka ivyiza vyinshi,
amazu yacu tuyuzuze ivyo tunyaze;
14 ingo nawe uzoronka umugabane wawe,
tuzogabura ivyo tuzoronka vyose."
15 Mwana wanje, ntuze wifatanye na bo,
ntuze utumbereze ibirenge vyawe mu nzira zabo;
16 kuko birukira gukora ivyaha,
bakihutira gusesa amaraso.
17 Gutega umutego inyoni zikubona
ni ukwiruhiriza ubusa.
18 Abo bantu bazohitanwa n’umutego bateze;
bicwe n’ivyo bateze abandi.
19 Iryo ni ryo herezo ry’abirukira inyungu mbi,
izo nyungu mbi ni zo zihitana ubuzima bwabo.
20 Bwenge asemerera ari mu nzira,
akaduza ijwi mu bibanza abantu bakoraniramwo.
21 Asemerera ari mu mayirabiri yuzuye urwamo,
akavugira amajambo yiwe ku marembo y’igisagara ati:
22 "Yemwe banyabwengebuke mwe; muzogeza ryari kudakunda ubwenge?
Namwe bacokoranyi, muzogeza ryari kunezerererwa ubucokoranyi?
Namwe bipfu, muzogeza ryari kwanka ubumenyi?
23 Nimuze mwumvirize ukwihaniza kwanje,
ndababwire ikiri ku mutima wanje,
maze ntume muba abanyabwenge.
24 Ariko narabahamagaye muranka,
ndabatega ibiganza ariko ntihagira n’umwe avyitaho.
25 Mwirengagije impanuro zanje,
ntimwemera ukugabisha kwanje.
26 Nanje nzobatwenga nimwagwa mu vyago;
nzokwitwengera nimwashikirwa n’amakuba,
27 ubwoba nibwabazako nk’igihuhusi,
amakuba akabagwako kurya kw’agashururu,
imibabaro n’agahinda bikabahwikira.
28 Maze abo bazompamagara ariko sinzobitaba;
bazondonderana umwete ariko ntibazombona,
29 kuko banse ubumenyi,
ntibahitamwo kwubaha Uhoraho.
30 Ko banse impanuro zanje,
bakagaya ukugabisha kwanje,
31 bazorya ivyamwa vy’ingeso zabo,
bahazwe n’ivyamwa vy’inama zabo.
32 Kuko ubunebwe bw’abanebwe ni bwo bubica,
kandi ukuba sindabibazwa kw’ibipfu ni kwo kubirandura.
33 Ariko abanyumvira bose bazobaho amahoro,
bagubwe neza, ata cago batinya."