1 Mwana wanje, nimba waremeye kurihira ideni mugenzawe,
canke ugafata ingingo yo kwishingira umunyagahinga,
2 umaze gafatwa n’indahiro warahiye,
waguye mu mutego w’amajambo yavuye mu kanwa kawe;
3 uzobigenze uku kugira ngo wibohore,
kuko uzoba wamaze gukorokera mu maboko ya mugenzawe.
Uze ugende wicishe bugufi imbere yiwe,
umwinginge ushimitse.
4 Ntuze ukundire amaso yawe gusinzira,
canke ibigohe vyawe ngo bitwarwe n’itiro.
5 Uze wikize nk’ingeregere ivuye mu maboko y’umuhigi,
canke nk’inyoni ivuye mu mutego.
6 Niwigire ku kimonyo, yewe wa munebwe we!
Raba ingene gikora hanyuma uce ubwenge.
7 Ntikigira uwugitegeka,
uwukiganza, canke uwugikoresha.
8 Ariko cegeranya ivyokurya mu ci,
kigatororokanya imfungurwa mw’iyimbura.
9 Mbega uzogeza ryari kuryama, yewe wa munebwe we?
Uzova mw’itiro ryawe ryari?
10 Uravuga uti: "Hinge nisinzirire gatoya, mpungure gakeya,
nigorore gatoya, mpfunye amaboko."
11 Uko ni ko ubukene buzoguhwikira nk’igisuma,
ubworo bugutere nk’umwambuzi.
12 Umuntu w’imburakimazi kandi w’umunyakibi,
ni we yama abesha.
13 Abesha ku rwenge mu kuvuna ingohe,
agakeburanisha ibirenge vyiwe,
agakoresha ibimenyetso n’intoke ziwe.
14 Umutima wiwe wama utegura gukora ibibi,
kandi ibihe vyose avyura imitongano.
15 Ni co gituma ivyago bizomugwako mu kanya gato,
akarandurwa giturumbuka ubutakivyuka.
16 Hari ibintu bitandatu Uhoraho yanka,
ahubwo ni indwi bimusesema:
17 amaso arabana abandi ubwibone,
ururimi ruvuga ibinyoma,
amaboko asesa amaraso y’uwutaco azira,
18 umutima utegura imigambi mibi,
ibirenge vyirukira gukora ikibi,
19 icabona kivuga ibinyoma,
hamwe n’umuntu ateranya abavukana.
20 Mwana wanje, wumve ivyo so agutegeka,
kandi ntiwanke ivyo nyoko akwigisha.
21 Ubizigame mu mutima wawe ibihe vyose,
uvyambare mw’izosi.
22 Uri ku rugendo, bizokurongora,
uryamye bizokurarira;
kandi niwavyuka bizokuganiriza.
23 Kuko ibwirizwa ni itara,
inyigisho ni urumuri,
ukugabisha no gutoza indero na vyo
ni inzira ijana mu buzima.
24 Bizokurinda umugore w’ingeso mbi,
n’akarimi gasosa k’umugore w’icigenze.
25 Ntukamwipfuze mu mutima wawe kubera ubwiza bwiwe,
kandi ntiwemere ko agukwegakwegesha amaso yiwe.
26 Kuko maraya azogukwegera mu bukene,
ariko umugore w’uwundi we kugukwegera urupfu.
27 Mbega umuntu yonyegeza umuriro mu mpuzu,
impuzu ziwe ntizishe?
28 Umuntu yohonyora ku makara yaka,
hanyuma ntashe?
29 Ni ko bimeze no ku wuryamana n’umugore w’uwundi muntu;
nta wumukorako ngo abure guhanwa.
30 Abantu ntibagaya uwivye
iyo ashaka kwivuna inzara.
31 Ariko iyo afashwe, ariha ivyo yivye bigwijwe incuro indwi,
naho vyosaba kugurisha ubutunzi bw’umuryango wiwe bwose.
32 Ariko uwusambana n’umugore w’uwundi we ni igipfu;
uwubikoze wese aba ashaka kuranduka.
33 Inguma n’ibimaramare ni vyo mugabane wiwe,
kandi umugayo ntuzokwigera umuvako.
34 Ugupfuha gutuma umugabo w’uwo mugore agira ishavu ry’inkazi,
kandi ntazogira ikigongwe nihagera ko yihora.
35 Ntazokwakira indishi y’akababaro n’imwe,
ntazokwemera ingabire zawe naho womuha ibingana iki.