Publicidade

Provérbios 19

1 Wopfuma uba umukene uri inyankamugayo

hako uba igipfu akanwa kaco kuzuye amajambo y’ibinyoma.

2 Si vyiza kugira ishaka ritarimwo ubwenge,

canke kwihuta hanyuma umuntu agahusha inzira.

3 Ubupfu bw’umuntu ni bwo bwonona ubuzima bwiwe,

ariko umutima wiwe ukarakarira Uhoraho.

4 Ubutunzi bukwega abagenzi benshi,

ubukene bugatuma abagenzi benshi bahunga.

5 Icabona c’ibinyoma ntikizobura guhanwa,

kandi uwuvuga ibinyoma ntazogenda atabihaniwe.

6 Abantu benshi barondera kugirirwa ubuntu n’umutware,

kandi umuntu wese yipfuza kuba umugenzi w’uwutanga ingabire.

7 Ko umukene akengerwa n’abiwe,

mbega abagenzi biwe bobo ntibazorushiriza kumwigira kure?

Naho umukene abarondera abinginga,

nta na hamwe ababona.

8 Uwiga ubwenge aba akunda ubugingo bwiwe,

kandi uwukunda ugutahura azororanirwa.

9 Icabona c’ibinyoma ntikizobura guhanwa,

kandi uwuvuga ibinyoma azorandurwa.

10 Igipfu ntigikwiye kuba mu bikayangana,

nk’uko umugurano adakwiye kuganza abaganwa.

11 Ubwenge bw’umuntu ni bwo bumutera kutihutira kuraka,

kandi kwirengagiza inabi yagiriwe bimuhesha icubahiro.

12 Uburake bw’umwami bumeze nk’ugutontoma kw’intare,

ariko ubuntu bwiwe bumeze nk’ikime ku vyatsi.

13 Umwana w’igipfu ni icago kuri se,

kandi umugore atongana ameze nk’amama atonyanga y’inzu iva.

14 Amazu n’amatungo umuntu abiragwa n’abavyeyi,

ariko umugore w’ubwenge atangwa n’Uhoraho.

15 Ubute bukwega itiro ryinshi,

kandi umunebwe yicwa n’inzara.

16 Uwumvira impanuro azigama ubuzima bwiwe,

ariko uwuzigaya aja mu rupfu.

17 Uwufashije umukene aba aguranye Uhoraho,

kandi azomusubiza ivyo yatanze.

18 Uzotoze indero umwana wawe akiri muto, kuko harimwo ivyizigiro

ariko ntuzomuhanire kumwica.

19 Uwihutira kugira ishavu azobihanirwa,

kandi iyo utamuhanye, uba umuteye kubikora kenshi.

20 Wumvirize impanuro kandi wemere kwigishwa,

ni ho uzoba umunyabwenge.

21 Umutima w’umuntu ugira imigambi myinshi,

ariko integuro z’Uhoraho ni zo zirama.

22 Ubwizigirwa bw’umuntu ni bwo bumutera gukundwa;

none rero wopfuma uba umukene hako uba umubeshi.

23 Ukwubaha Uhoraho bishikana mu bugingo:

uwumwubashe agubwa neza, nta kibi kimuzako.

24 Umunebwe atwara ukuboko mw’isahani,

ariko akananirwa no kukugarukana ku munwa.

25 Niwakubita umucokoranyi, ibijuju bizomenya kwitonda,

kandi niwakankamira umunyabwenge azokwongereza ubumenyi.

26 Umwana asesagura ivya se, akirukana nyina,

yikwegera isoni n’ibimaramare.

27 Mwana wanje, niwaheba kwigishwa,

uzoba uteye umugongo ubumenyi.

28 Icabona iyo kiriye igiturire gituma ubutungane butituka,

kandi akanwa k’umunyakibi kayongobeza ikibi.

29 Ibihano biraririye abacokoranyi,

n’inkoni ziraririye umugongo w’ibipfu.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-