1 Mwana wanje, ntuze wibagire ivyo nakwigishije,
ahubwo uzigame amabwirizwa yanje mu mutima wawe.
2 Ivyo niwabikora, bizokwongera imyaka yo kubaho,
kandi ubuzima bwawe buzororanirwa.
3 Urukundo n’ubwizigirwa bize vyamane nawe,
uze uvyambare mw’izosi,
uvyandike mu mutima wawe.
4 Ni ho uzogira ikiganza ciza n’izina ryiza
imbere y’Imana n’abantu.
5 Wizigire Uhoraho n’umutima wawe wose,
ntiwishimire ugutahura kwawe.
6 Wame urondera ugushaka kwiwe mu vyo ukora vyose,
na we azogorora inzira zawe.
7 Ntiwishimire ubwenge bwawe,
ahubwo wubahe Uhoraho kandi uve mu kibi.
8 Ivyo bizotuma umubiri wawe ugira amagara meza,
bitume n’amagufa yawe yoroherwa.
9 Wubahishe Uhoraho ubutunzi bwawe,
hamwe n’ivya mbere vyo mu vyeze mu mirima yawe.
10 Na we azosesekaza umwimbu mu bigega vyawe,
amato yawe yame asesekaye umuvinyu.
11 Mwana wanje, ntukagaye uguhana kw’Uhoraho,
kandi ntukanke ukugabisha kwiwe;
12 kuko Uhoraho agabisha abo akunda,
kurya umuvyeyi abikorera umwana akunda.
13 Hahiriwe umuntu yironkeye ubwenge,
akironkera ugutahura.
14 Kuko ubwenge busumvya agaciro ifeza,
kandi ivyamwa vyabwo birusha agaciro inzahabu.
15 Ubwenge burusha agaciro akabuye kitwa imaragarita,
kandi nta co kwipfuzwa na kimwe cogereranywa na bwo.
16 Kuramba kuri mu kuboko kwabwo kw’i buryo,
mu kubamfu kwabwo na ho hari ubutunzi n’icubahiro.
17 Inzira zabwo ni inzira zinezereye,
kandi ni iz’amahoro.
18 Ubwenge ni igiti c’ubugingo ku babugumbira,
kandi ni umugisha ku babwumirako bose.
19 Ubwenge ni bwo Uhoraho yashingishije imfatiro z’isi,
kandi ugutahura ni kwo yashirishijeho amajuru.
20 Kubera ubumenyi bwiwe, amasoko y’i kuzimu yaratobotse,
ibicu na vyo bitonyanga imvura.
21 Mwana wanje, ntukareke ubwenge nyabwo n’ukurobanura,
ngo bive imbere y’amaso yawe;
22 kuko ni vyo bizokubera ubuzima,
bikubere ikirezi co gushariza mw’izosi.
23 Bizokuzigama mu nzira zawe,
kandi ibirenge vyawe ntibizotsitara.
24 Niwaryama ntuzogira ico utinya;
kandi niwasinzira, uzogira itiro riryoshe.
25 Ntugatinye ivyago bishitse giturumbuka,
canke ukurandurwa gushikiye abanyakibi;
26 kuko Uhoraho ari we azokurinda,
kandi azorinda ibirenge vyawe ngo ntibigwe mu mutego.
27 Mwana wanje, ntukareke kugirira neza ababikwiye
mu gihe ufise ububasha bwo kubikora.
28 Ntukabwire umubanyi wawe uti:
"Genda uzogaruka; nzoguha ejo,"
kandi ufise ico womuha ubwo nyene.
29 Ntugategure kugirira nabi umubanyi wawe,
uwo musanzwe mubanye mwumvikana.
30 Ntugatongane n’umuntu ata mpamvu,
ata kibi yagukoreye.
31 Ntukipfuze kumera nk’abantu b’ibirandamuke,
canke ngo wigane ingeso zabo na zimwe;
32 kuko abanyakibi ari ikizira k’Uhoraho,
ariko abamwubaha abagira abakunzi biwe.
33 Umuvumo w’Uhoraho uri ku nzu y’umunyakibi,
ariko ahezagira urugo rw’umugororotsi.
34 Uhoraho agaya abacokoranyi,
ariko agirira ubuntu abaciye bugufi.
35 Umunyabwenge azoragwa icubahiro,
ariko ibipfu bizokorwa n’isoni.