1 Mwana wanje, uzigame amajambo yanje,
ubike amabwirizwa yanje muri wewe.
2 Uzigame amabwirizwa yanje kugira ngo ubone kubaho;
urinde inyigisho zanje nk’uko urinda imbone y’ijisho ryawe.
3 Uzambare nk’impeta
uzandike ku mutima wawe.
4 Bwira ubwenge uti: "Uri mushikanje,"
ugutahura ukwite incuti yawe.
5 Bizokurinda umugore w’umunyangesombi,
bikurinde umugore w’icigenze n’amajambo yiwe asosa.
6 Umusi umwe nari kw’idirisha ry’inzu yanje,
maze ncishije mu gitambara gikinze,
7 ndaba muvbantu ata co binona.
Muri bo mbonamwo umusore umwe,
umusore w’umuyabaga atagira ubwenge,
8 ajabuka ibarabara hafi y’aho umwe muri abo bagore yaba,
agenda atumbereye inzu yiwe.
9 Bwari buhwibiriye, buriko burira;
ijoro n’umwijima bitanguye kuza.
10 Maze wa mugore, aza kumusanganira,
yambaye nka maraya, yuzuye uburyarya mu mutima.
11 Yari umugore avugira hejuru kandi w’intumva
ibirenge vyiwe ntivyaragama mu nzu yiwe.
12 Hamwe yaba ari mw’ibarabara; ahandi mu masoko,
aronderera impande zose.
13 Nuko afata wa musore, aramusomagura,
amubwira ata dusoni ati:
14 "Uno musi nashikanye ikimazi c’ishimwe;
nashikije ico nasezeranye.
15 Ni co gituma naje kugusanganira;
nashaka kukubona, none ehe turahuye.
16 Uburiri bwanje bushasheko uburengeti bwiza,
n’amashuka meza yera derere ava muri Egiputa.
17 Uburiri bwanje nabusize ibimota neza bitamirana,
ari vyo imibavu, alowe na kinamoni.
18 Kaze twinywere ku rukundo gushika buce;
ingo twinezereze mu rukundo,
19 kuko umugabo wanje si ho ari,
yafashe urugendo rwa kure.
20 Yatwaye amahera menshi,
ntazogaruka ukwezi kudaheze."
21 Nuko amuhendahendesha amajambo asosa,
amukwegesha akarimi kiwe karesha.
22 Ubwo nyene aca aramukurikira
nk’impfizi igiye mw’ibagiro,
nk’igipfu baboshe bagira bagihane,
23 gushika umwampi umutobekeranije igitigu,
nk’inyoni yiroha mu mutego
itazi ko iza kuhasiga ubuzima.
24 None rero, bana banje, nimunyumvirize;
mutege amatwi amajambo yanje.
25 Ntimukareke imitima yanyu ngo ihindukirire inzira ziwe,
canke ngo izimirire mu nzira acamwo.
26 Kuko yagwishije benshi,
kandi abo yishe ntibaharurika.
27 Inzu yiwe ni inzira ijana mu mva,
imanuka ija mu kibanza c’abapfuye.