Aprender
Aprender é vocação do discípulo. Jesus disse: aprendei de mim. A Bíblia convida a aprender com humildade, perseverança e disposição — sentados aos pés do Mestre.
Aprender de Jesus
Tomai sobre vós o meu jugo e aprendei de mim. O Espírito Santo nos ensinará todas as coisas e nos recordará tudo.
Mwakire umutwaro wanje hanyuma munyigireko kuko ndi umugwaneza kandi nicishije bugufi mu mutima, namwe muzoronka uburuhukiro bw’imitima yanyu. Kuko umutwaro wanje urahwahutse kandi ivyo ndabikoreza ntibiremereye."
Nuko nimugende, muhindure amahanga yose abigishwa: mubabatize mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera, mubigishe gushira mu ngiro ivyo nabategetse vyose. Kandi mumenye ko ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku muhero w’isi."
Ariko Umwitsa, ari we Mpwemu Yera, uwo Data azorungika mw’izina ryanje, azobigisha vyose yongere abibutse ivyo nababwiye vyose.
Yesu arabishura ati: "Inyigisho ntanga si izanje, ziva ku wantumye.
Ariko mwebwe, Mpwemu Yera mwahawe na Kristo aguma muri mwebwe, ni co gituma mudakeneye umuntu wo kubigisha. Uwo Mpwemu arabigisha ivyo mukwiye kumenya vyose, kandi ivyo abigisha ni ivy’ukuri; nta binyoma birimwo. Nuko mugume muri Kristo, nk’uko Mpwemu yabigishije.
Ensino e sabedoria
O temor do Senhor é o princípio do saber. A disciplina do Senhor forma o caráter e abre caminhos de entendimento.
Ukwubaha Uhoraho ni kwo tanguriro ry’ubwenge,
ariko ibipfu bikengera ubwenge n’ugutozwa indero.
Mwana wanje, ntukagaye uguhana kw’Uhoraho,
kandi ntukanke ukugabisha kwiwe;
kuko Uhoraho agabisha abo akunda,
kurya umuvyeyi abikorera umwana akunda.
Ndakwigisha inzira z’ubwenge,
kandi ndakurongorera mu nzira zigororotse.
Uwukunda gutozwa indero wese akunda ubumenyi,
ariko uwanka guhanurwa wese ni ikijuju.
None rero mutahure mu mitima yanyu ko Uhoraho Imana yanyu yariko arabatoza indero nka kurya umuvyeyi atoza indero umwana wiwe.
Comunidade de aprendizado
Ensinem e aconselhem-se mutuamente. A igreja é escola de Cristo — onde todos ensinam e todos aprendem juntos.
Ijambo rya Kristo ribe muri mwebwe rigwiriye, mwigishanye kandi muhanurane mu bwenge bwose, muririmba amazaburi n’indirimbo n’amatazirano muhawe na Mpwemu mushima Imana mu mitima yanyu.
None rero muremeshanye mwongere mukomezanye, nk’uko musanzwe muriko murabikora.
Imisi yose bama mu rusengero canke mu mihana, ntibigeze bahagarika kwigisha no kwamamaza inkuru nziza, bavuga ko Yesu ari we Kristo.
Murazi ko mu vyashobora kubagirira ikimazi vyose ata na kimwe nabahishije, uhubwo navuze ubutumwa nongera nigisha mu makoraniro no mu nzu zanyu.
Ivyo mwigishijwe canke mwanyumvanye, canke ivyo mwambonyeko, mubishire mu ngiro. Imana y’amahoro izobana namwe.
Ariko weho wigishe ibihwanye n’inyigisho z’ukuri.
Ouvir e praticar
Ensina-me a fazer a tua vontade. Guia-me pela tua verdade. O verdadeiro aprendiz pratica o que ouviu do Mestre.
Nyigisha gukora ivyo ugomba,
kuko uri Imana yanje;
icompa Mpwemu wawe mwiza
akandongorera ahantu hagororotse.
Nyereka inzira zawe, ewe Uhoraho,
unyigishe kubaho uko ugomba.
Ndongorera mu kuri kwawe unyigishe,
kuko uri Imana Umukiza wanje,
kandi ni wewe nizigira bukarinda bwira.
Uhoraho ni mwiza aragororotse;
ni co gituma azokwigisha abanyavyaha inzira ziwe.
Arongorera abaciye bugufi mu nzira itunganye
akabigisha ivy’inzira yiwe.
Nzokwigisha ndakwereke inzira ukwiye kujana;
nzokugira inama ndaguhozeko ijisho ryanje.
Umutima wanje uragushaka mw’ijoro,
mu gitondo impwemu yanje ikakurondera.
Iyo urubanza rwawe ruje kw’isi,
ababa kw’isi baca bigiraho ukugororoka.