Publicidade

Miquéias 1

1 Iri ni ijambo Uhoraho yatumye kuri Mika w’i Moresheti ku ngoma ya Yotamu n’iya Ahazi hamwe n’iya Hezekiya, abami b’i Buyuda, ngo avuge ivyo yeretswe kuri Samariya na Yerusalemu.

2 Nimwumve, yemwe mahanga, nimwumve mwese;

umviriza, ewe wa si we hamwe na mwebwe mwese abayibako,

Uhoraho Nyeninganji ariko arabagiriza,

Uhoraho avuga ari mu rusengero rwiwe rwera.

Urubanza ruciriwe Samariya na Yerusalemu

3 Raba, Uhoraho ariko araza ava iwe;

aramanutse aza kandi agendagenda ku dutwe tw’isi.

4 Imisozi ishongera musi y’ibirenge vyiwe

n’ibiyaya birasadaguritse,

nk’ishashara ihuye n’umuriro,

nk’amazi atemba ahamanuka.

5 Ivyo vyose ni kubera ukugabitanya kwa Yakobo,

kubera ivyaha vy’ab’inzu y’Abisirayeli.

Icaha ca Yakobo ni ikihe?

Mbega si Samariya?

Ikibanza co gusengeramwo ibigirwamana co ku mpinga z’umusozi ca Yuda ni ikihe?

Mbega si Yerusalemu?

6 "Nuko rero nzohindura Samariya habe ikigunguzi c’umusaka,

ahantu ho kurima imizabibu.

Nzotembagariza amabuye yaho mu mwonga

amatanguriro yaho ndayasige agaragara.

7 Ibigirwamana vyaho vyose bizomenagurwa;

amashikanwa y’ingoro zaho azotongorwa n’umuriro;

nzosambura ibishushanyo vyaho vyose.

Kuko vyavuye mu mashikanwa y’ingero z’abamaraya,

bizokwongera gukoreshwa kandi nk’ingero z’abamaraya."

Kurira no Kugandara

8 Kubera ivyo nzorira mboroge;

ngende gusa kandi ata birato nambaye.

Nzobweja nk’imbwebwe

kandi nzokwabira nk’inyanana.

9 Kuko igikomere ca Samariya kidakira;

carandagase gishika n’i Buyuda.

Cashitse no kw’irembo ry’abantu banje,

mbere n’i Yerusalemu ubwaho.

10 Ntimubibwire abansi b’i Gati;

ntimurire na gatoya.

Yemwe bantu b’i Beti-Leyafura,

nimwikumbagaze mu mukungugu.

11 Nimurengane muri ubusa mumaramaye,

yemwe ababa i Shafiri.

Ababa i Zanani

ntibazosohoka.

Beti-Ezeli bari mu kigandaro;

ntihakigukingira.

12 Ababa i Maroti bari mu gatengo,

barindiriye ugutezurirwa,

kuko ikiza cavuye k’Uhoraho,

kigashika no kw’irembo ry’i Yerusalemu.

13 Yemwe ababa i Lakishi,

nimubohere amafarasi anyaruka ku mikogote.

Ni mwebwe mwatumye,

umukobwa w’i Siyoni acumura

kuko ibigabitanyo vya Isirayeli vyabonetse muri wewe.

14 Nuko rero muzosezera

Moresheti-Gati.

Igisagara c’i Akizibu kizoba ivyizigiro vy’uruhendo

ku bami ba Isirayeli.

15 Nzozana uwuzobigarurira

yemwe ababa i Maresha.

Abanyacubahiro bo muri Isirayeli

bazohungira muri Adulamu.

16 Nimwimoshe inkomvorera mugandare

kuko abana munezerererwa bafashwe;

imitwe yanyu imere nk’iy’ikinyamwanira,

kuko bazovanwa muri mwebwe bajanwe ari inyagano.

Veja também

Publicidade
Miquéias
Ver todos os capítulos de Miquéias
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-