Publicidade

Miquéias 3

Imana ihambarira abatware n’abavugishwa

1 Maze ndavuga nti:

"Nimwumve yemwe batware bo mu ba Yakobo,

yemwe barongozi b’Abisirayeli.

Mbega ntimwokwitaho guca imanza zibereye,

2 mwebwe mwanka ivyiza mugakunda ibibi;

yemwe ababaga abantu banje mukabakurako urusato

n’inyama mukazikura ku magufa yabo;

3 yemwe abarya inyama z’abantu banje,

mubakurako urusato

mukavunagura amagufa yabo;

mukabahimbagura mubakurako inyama muteka mu tubehe,

hamwe n’izo muteka mu nkono."

4 Maze mu nyuma mugatakambira Uhoraho, mutewe n’ivyago

ariko ntabishure.

Muri ico gihe azobahisha mu nyonga hiwe

kubera ibibi mwakoze.

5 Uku ni ko Uhoraho avuze:

"Nk’uko biri kuri ba kamenyi

bazimiza abantu banje,

bavuga ‘amahoro’

iyo bafise ico barya,

ariko bagategura intambara yo kugwanya umuntu wese

yanse kubaha ivyo barya.

6 Ni co gituma ijoro rizobazako, ntihagire ico mwerekwa,

n’umwijima, ntimugire ico muragura.

Izuba rizocokerera kuri abo bavugishwa,

kandi buzobirirako.

7 Ba kamenyi bazomaramara

n’abaragura bazoteterwa.

Bose bazokwitwikira mu maso,

kuko ata kwishurwa kuvuye ku Mana."

8 Ariko jeho, nuzuye inkomezi,

nuzuye Mpwemu w’Uhoraho,

nuzuye uguca imanza zibereye n’ubuhizi,

ngo menyeshe aba Yakobo ibigabitanyo vyabo,

n’Abisirayeli icaha cabo.

9 Nimwumve, yemwe batware bo mu ba Yakobo,

yemwe abaganza abandi bo mu Bisirayeli,

mwanka imanza zibereye,

ivy’ukuri mukabinyikiza.

10 Siyoni muhubakisha gusesa amaraso,

Yerusalemu mukahubakisha gukora ibibi.

11 Abatware baho baca imanza bariye ibiturire,

abaherezi baho bigishiriza kuronka inyungu,

kandi abavugishwa baho baragurira kuronka amahera.

Ariko bakarondera Uhoraho ngo abashigikire bavuga bati:

"Mbega Uhoraho ntari muri twebwe?

Nta cago kizodushikako."

12 Ni co gituma kubera mwebwe,

Siyoni hazorimwa hamere nk’umurima,

Yerusalemu hazoba ikigunguzi c’isakamburira,

umusozi wubatsweko Ingoro na wo uzomerako ibisaka.

Veja também

Publicidade
Miquéias
Ver todos os capítulos de Miquéias
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-