1 Baragowe abategura imigambi y’inabi,
bakiyumvirira ku buriri bwabo imigambi yo gukora ikibi!
Bukeye, bakayishira mu ngiro,
kuko babifitiye ubushobozi.
2 Bipfuza amatongo maze bakayiha ku nguvu,
n’amazu, bagaca bayanyaga.
Banyaga abantu amazu yabo,
bakabiba ivyo barazwe.
3 Nuko rero, Uhoraho avuze ati:
"Ndiko ndategura ivyago ku bw’aba bantu,
ivyo mudashobora kwikiza.
Ntimuzosubira kugendana ubwibone,
kuko kizoba ari igihe c’amakuba.
4 Kuri uwo musi abansi banyu bazobatwenga;
bazobaririmbira iyi ndirimbo y’agacurantimba bati:
‘Turaherengeteye;
ishamvu y’ubwoko bwanje igabuwemwo ibice.
Ehe arayinyatse!
Ayihaye abatujanye nk’inyagano.’ "
5 Nuko rero ntuzoronka n’umwe mw’ikoraniro ry’Uhoraho,
wo kugorora umugozi mu gihe co kugabanganya igihugu mu mashamvu.
6 Ba kamenyi babo bavuga ngo: "Ntuvugishwe!
Ntuvugishwe kuri ivyo;
kuko ivyago ntibizodushikako."
7 Yemwe abakomoka kuri Yakobo, mbega mwovuga ngo:
"Uhoraho vyamunaniye kwihangana?
Mbega yokora ikintu nk’ico?"
Mbega amajambo yanje ntagirira neza
abagenda batunganye?
8 Ariko ubu nyene abantu banje barahagurutse
bahagurutse kurya kw’umwansi.
Mwambura amakoti
abantu birenganira ata co binona,
mukabateza umubabaro nk’uw’umuntu agarutse avuye ku rugamba.
9 Musohora abagore bo mu bantu banje
mukabakura mu mazu yabo bakunda.
Mukaka umugisha wanje
abana babo ibihe vyose.
10 Haguruka, genda!
Kuko ngaha ata buruhukiro bwanyu buriho,
kubera yuko hahumanye,
harasambutse, ku buryo hatakivurwa.
11 Haje umubeshi kandi w’umusukanyi akababwira ati:
"Ngomba mvugishwe ko muzoronka umuvinyu n’inzoga nyinshi,"
uwo ni we muvugishwa aba bantu boshima!
12 "Umusi umwe yewe Yakobo, nzosubira kubegeraniriza hamwe mwese;
ni ukuri nzokwegeranya amasigarira yose y’Abisirayeli.
Nzobazana ndabashire hamwe nk’intama mu ruhongore,
nk’umukuku uri aho urisha;
aha hantu hazosubira kwuzura uruja n’uruza rw’abantu.
13 Uwubacira icanzo azoduga ari imbere yabo;
bazomena irembo ry’abansi basohoke.
Umwami wabo azobaja imbere mu gusohoka.
Uhoraho ubwiwe ni we azobarongora."