Pular para o conteúdo
Publicidade

Mika 4

Umusozi wUhoraho

1 Mu misi y’iherezo

umusozi uriko ingoro yUhoraho uzoba ushimangiwe

nk’umusozi usumba iyindi yose;

uzoshirwa hejuru usumbe udusozi twose;

kandi amoko azohondogana aja kuri wo.

2 Amahanga menshi azoza avuge ati:

"Nimuze tuduge tuje ku musozi wUhoraho,

mu ngoro y’Imana ya Yakobo.

Izotwigisha inzira zayo

kugira ngo tuzigenderemwo."

Kuko i Siyoni ari ho hazova ivyagezwe,

ijambo ryUhoraho rive i Yerusalemu.

3 Azocira imanza amoko menshi

atature amatati hagati y’amahanga akomeye ya kure.

Inkota zabo bazozicuramwo amasuka,

amacumu yabo bayacuremwo imihoro.

Nta hanga rizosubira gutera irindi,

kandi ntibazosubira kwiga ivy’intambara.

4 Umuntu wese azokwicara musi y’umuzabibu wiwe

no musi y’umusukoni wiwe,

kandi nta n’umwe azobatera ubwoba,

kuko Uhoraho Mushoboravyose abivuze.

5 Naho amoko yose yogendera

mw’izina ry’imana zabo,

tweho tuzogendera mw’izina ryUhoraho

Imana yacu ibihe bidashira.

Umugambi wUhoraho

6 "Kuri uwo musi," ni ko Uhoraho avuze,

"nzokoranya ibimuga;

nzokoraniriza hamwe abajanywe ari inyagano

n’abo nateye umubabaro.

7 Nzohindura ibimuga bibe amasigarira yanje,

n’abirukanywe nzobahindura ihanga rikomeye.

Uhoraho azobarongora ari ku musozi Siyoni

uhereye uwo musi gushika ibihe bidashira.

8 Ariko weho, munara w’inderetsi w’umukuku,

munara w’ubuhungiro bw’umukobwa w’i Siyoni,

uzosubizwa ububasha bwo kuganza kwawe wahoranye;

ubwami buzohabwa umukobwa w’i Yerusalemu."

9 Ni kuki none uboroga,

mbega nta mwami ufise?

Umutware wawe yapfuye,

ko uburibwe bugufashe nk’umugore ageze kwibaruka?

10 Babara uboroge, yewe mukobwa w’i Siyoni,

nk’umugore ari ku bise,

kuko ugiye kuva muri iki gisagara

uje kuba mu makambi yo mu gahinga.

Muzoja i Babiloni;

aho ni ho muzotabarirwa.

Aho ni ho Uhoraho azobacungurira

abakuye mu maboko y’abansi banyu.

11 Ariko ubu amoko menshi

akoraniye hamwe ngo abagwanye.

Bavuga bati: "Reka tuhahumanye,

amaso yacu yirabire uburyo Siyoni hasamburwa!"

12 Ariko bo ntibazi

ivyiyumviro vyUhoraho;

ntibatahura imigambi yiwe,

ko yabegeranirije hamwe nk’imikama y’ingano ku mbuga.

13 "Haguruka usekure ingano, mukobwa w’i Siyoni,

kuko nzoguha amahembe y’ivyuma;

ndaguhe ibinono vy’imiringa,

kandi uzojanjagura amoko menshi uyagire ubunywenywe."

Kandi muzogira inyegu yUhoraho ivyo banyaze,

ubutunzi bwabo buzoba ubw’Umwami w’isi yose.

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também