Publicidade

Miquéias 5

Umutware yasezeranywe azova i Betelehemu

1 Egeranya ingabo zawe, yewe wa gisagara c’ingabo,

kuko umwansi akwugarije.

Bazokubita umutware wa Isirayeli,

bazomukubita inkoni kw’itama.

2 "Ariko wewe Betelehemu Efurata,

naho uri muto mu bisagara vy’umuryango wa Yuda,

muri wewe hazomviramwo

uwuzoganza Abisirayeli,

kandi amamuko yiwe ni aya kera,

yamyeho uhereye mu bihe vya kera."

3 Nuko rero Abisirayeli bazoba akahebwe

kugeza igihe umugore ari ku bise azovyarira umuhungu,

n’abasigaye mu bavukanyi biwe bakagaruka

bakifatanya n’Abisirayeli.

4 Azohaguruka aragire umukuku wiwe

ari mu nkomezi z’Uhoraho,

mu cubahiro c’izina ry’Uhoraho Imana yiwe.

Maze bazokwibera amahoro, kuko muri ico gihe ubukuru bwiwe

buzoshika no ku mpera z’isi.

5 Kandi ni we azoba amahoro yacu

aho Abashuri bazoterera igihugu cacu

bakagendagenda mu nzitiro zacu.

Tuzohagurutsa abungere indwi bo kubagwanya,

mbere ni abagabisha umunani,

6 bazoganzisha inkota igihugu c’i Ashuri,

igihugu ca Nimurodi bakiganzishe inkota isokoye.

Azodukiza Abashuri

aho bazoterera igihugu cacu

bakajabuka imbibe zaco.

7 Amasigarira y’aba Yakobo azoba

hagati mu mahanga menshi

nk’urume ruvuye k’Uhoraho,

nk’imvura iguye ku vyatsi,

itarinda kurindira umuntu n’umwe

canke ngo igire umuntu ayitegeka.

8 Amasigarira y’aba Yakobo azoba mu moko menshi,

hagati mu mahanga menshi,

nk’intambwe mu bikoko vyo mw’ishamba,

nk’umugunza w’intambwe mu mikuku y’intama,

iyo irenganye itabagura yongera isiribanga,

ata muntu wo gutabara.

9 Ukuboko kwawe kuzoshirwa hejuru ngo kuneshe abansi bawe,

kandi abakugwanya bazoherengetera.

10 "Kuri uwo musi," ni ko Uhoraho avuze,

"Nzoherengeteza amafarasi hagati muri mwebwe

nsambure imikogote yawe.

11 Nzosambura ibisagara vyo mu gihugu cawe

nsenyurire hasi inzitiro zawe.

12 Nzoherengeteza ubupfumu bwawe

kandi ntuzosubira kuragura.

13 Nzoherengeteza ibigirwamana vyawe

n’inkingi z’amabuye zawe nzozikura muri wewe.

Ntuzoba ucikubita imbere

y’ibikorwa vy’intoke zawe.

14 Nzorandura muri wewe inkingi za Ashera

aho nzosamburira ibisagara vyawe.

15 Nzokwihorana uburake n’ubushangashirwe

amahanga atanyumviye."

Veja também

Publicidade
Miquéias
Ver todos os capítulos de Miquéias
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-