1 Ariko Yona we, kwigarura kw’Imana kwamuteye ishavu ryinshi. 2 Ni ko gusenga Uhoraho avuga ati: "None ga Mana ibi si vyo nari navuze igihe nari nkiri mu gihugu c’iwacu? Ni na co cari catumye nihutira guhungira i Tarushishi. Kuko nari nsanzwe nzi ko wewe uri Imana igira ubuntu, ifise ikigongwe cinshi, itihutira gushavura, ifise urukundo rwinshi kandi yigarura ntirungike ivyago. 3 None rero Uhoraho, nyica, kuko gupfa bindutiye kubaho."
4 Uhoraho aramwishura ati: "Mbega aho ubona vyari bikwiye ko ushavura?"
5 Nuko Yona ava mu gisagara aragenda yicara mu buseruko bwaco, yiyubakira akazu ko kwikingamwo izuba, yicara mu gitutu cako, maze arindira kuraba ibishikira igisagara. 6 Nuko Imana imeza igiterwa c’amababi maninimanini, kirakura kija hejuru y’umutwe wa Yona kimuha agatutu. Ivyo bica bituma Yona yoroherwa maze aranezerwa cane kubera ico giterwa. 7 Ariko bukeye Imana irongera ituma urunyo ruraza rurya ca giterwa gica kirakabirana. 8 Izuba rimaze guseruka, Imana ituma umuyaga ushushe uvuye mu buseruko, iryo zuba na ryo rikubita Yona mu mutwe kugeza aho acika intege. Aca asubira kwisabira gupfa ati: "Gupfa vyondutira kubaho."
9 Imana yishura Yona iti: "Mbega aho ubona vyari bikwiye ko ushavura ku bw’iki giterwa?"
Na we arishura ati: "Birakwiye nyene! Ahubwo ndashavuye gushika n’aho numva nopfuma mpfa."
10 Uhoraho aca avuga ati: "Ko ubabajwe n’igiterwa utakoreye canke ngo utume gikura, cakuze mw’ijoro rimwe bukeye kikuma, 11 mbega jewe sinari nkwiye kugirira ikigongwe Ninewe, igisagara kinini kibamwo abantu barenga ibihumbi ijana na mirongo ibiri badashobora gutandukanya iciza n’ikibi, hamwe n’ibitungano vyaho vyinshi?"