1 Nuko Yona asenga Uhoraho Imana yiwe ari mu nda y’urwo rufi. 2 Avuga ati:
"Natakambiye Uhoraho ndi mu vyago bikomeye,
na we aranyishura.
Ndi mu kibanza c’abapfuye, naratakamvye ngo untabare,
nawe wumvise ijwi ryanje.
3 Wantereye kure cane mu kuzimu,
kure cane mu mutima w’ikiyaga;
imikuba ikomeye yaranzungurutse,
imipfunda n’ugusuriranya kw’amazi vyawe
vyarandengeye.
4 Ndavuga nti: ‘Noneho nkuwe
imbere y’amaso yawe.
Ariko nzosubira nihweze
urusengero rwawe rwera.’
5 Amazi yarandengeye agomba kunyica,
i bwina mu mazi haranzunguruka;
ivyatsi vyo mu kiyaga binyizingira ku mutwe.
6 Naranyitse nshikira intango y’imisozi,
aho isi yanyugaraniye ubutakivayo.
Ariko wewe, Uhoraho Mana yanje,
waduganye ubuzima bwanje ubukuye mu cobo.
7 Igihe ubuzima bwanje bwariko burakabirana,
nibutse wewe Uhoraho,
ugusenga kwanje kuraduga kuragushikira,
mu rusengero rwawe rwera.
8 Abashira umutima ku bigirwamana bitagira ikimazi,
batera umugongo urukundo Imana ibakunda.
9 Ariko jewe, nzogushikanira ikimazi
nshize hejuru ijwi ryo kugushimira.
Kandi nzoshitsa ivyo nasezeranye,
kuko agakiza kanje kava k’Uhoraho."
10 Maze Uhoraho ategeka urwo rufi, na rwo rudahwa Yona ku nkengera y’ikiyaga.