Publicidade

Jonas 3

Yona aja i Ninewe

1 Hanyuma Uhoraho yongera kubwira Yona ubugira kabiri, ati: 2 "Va hasi uje muri ca gisagara kinini Ninewe ukimenyeshe bwa butumwa nakubwira."

3 Yona aca yumvira ijambo ry’Imana aja i Ninewe. Ninewe cari igisagara kinini ku buryo vyafata imisi itatu kugira ngo umuntu ashobore kugicamwo cose. 4 Nuko Yona amara umusi umwe agendagenda muri ico gisagara asemerera n’ijwi rirenga ati: "Hasigaye imisi mirongo ine gusa Ninewe hagahona." 5 Maze abantu b’i Ninewe bizera ubwo butumwa bw’Imana, baca bashinga ko haba ukwisonzesha kandi uhereye ku mukuru ugashika ku muntu mutoya, bambara amagunira.

6 Ayo majambo ya Yona ashikiriye umwami w’i Ninewe na we aca arahaguruka ava ku ntebe y’ubwami, yambura impuzu z’ubwami, yambara igunira, yongera yicara mu mukungugu. 7 Aca atanga itegeko i Ninewe rivuga riti:

"Itegeko ry’umwami n’abaganwa biwe:

Ntihagire abantu canke ibikoko, amasho n’imikuku bigira ico bikoza ku munwa, ntibigire ico birya canke binywa. 8 Abantu nibambare amagunira mbere n’ibikoko babiyapfuke, hanyuma abantu batakambire Imana binginga, kandi umuntu wese ave mu nzira z’ibibi, bahagarike n’umuryano uri hagati yabo. 9 Nta wubizi! Hari n’aho Imana yokwisubirako ikigarura, ikareka ugushangashirwa kwayo, maze ntiduhonye."

10 Imana ibona ibikorwa vyabo, ingene bahindukiye bakava mu nzira zabo mbi, maze irigarura ntiyabahanisha igihano yari yabateguriye.

Veja também

Publicidade
Jonas
Ver todos os capítulos de Jonas
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-