1 "Ririmba, ewe mugore w’ingumba,
wewe utigeze uvyara;
turika uririmbe usemererane umunezero,
wewe utigeze utera igise;
kuko abana b’intabwa ari bo benshi
gusumba ab’abafise abagabo,"
ni ko Uhoraho avuze.
2 "Agura ikibanza c’ihema ryawe,
wagure n’amahema yawe,
ntugarukire hafi.
Wungure imigozi yaryo,
ukomeze imambo zaryo.
3 Kuko uzokwira hose i buryo n’i bubamfu;
uruvyaro rwawe ruzokwegukira amahanga,
babe mu bisagara vyahebwe.
4 Ntutinye, kuko ntuzosubira guteterwa.
Kandi ntutinye kumaramara,
kuko isoni ntizizokwongera kukwica.
Ahubwo uzokwibagira ibimaramare vyo mu buto bwawe,
n’agakengerwe ko mu bupfakazi bwawe ntuzokibuka.
5 Kuko Umuremyi wawe ari we azoba umugabo wawe,
Uhoraho Mushoboravyose ni ryo zina ryiwe,
Uwera wa Isirayeli ni we Mucunguzi wawe;
yitwa Imana y’isi yose.
6 Uhoraho azokwiyegereza
nk’umugore yahebwe yuzuye amaganya mu mutima,
nk’umugore yarongowe akiri muto,
hanyuma akirukanwa, ni ko Imana yawe ivuze.
7 Naragutaye igihe gito,
ariko nzokwiyegerezanya imbabazi nyinshi nkugarukane.
8 Kubera ishavu ryinshi
nakunyegeje mu maso hanje kumara igihe,
ariko mu bugwaneza bwamaho
nzokugirira impuhwe,"
ni ko Uhoraho Umucunguzi wawe avuze.
9 "Ivyo bimbereye nko mu misi ya Nowa,
aho narahira ko umwuzure utazosubira kurengera isi.
N’ubu ndarahiye ko ntazosubira kukurakira,
sinzosubira kuguhana.
10 Naho imisozi yonyiganyiga,
imitumba ikavaho,
urukundo ngukunda ntiruzokwigera runyiganyiga,
canke ngo isezerano ryanje ry’amahoro riveho,"
ni ko Uhoraho agufitiye imbabazi avuze.
11 "Yewe wa gisagara gihahajwe, ukazungagizwa n’igihuhusi ukabura kiremesha,
nzokwubakisha amabuye y’agaciro yitwa turikwaze,
kandi amatanguriro yawe ndayubakishe amabuye yitwa lapisi lazuli.
12 Iminara yawe nzoyubakisha amabuye aca ibibatsi,
amarembo yawe nzoyubakisha amabuye y’agaciro,
inzitiro zawe ndazubakishe utubuye dukayangana.
13 Abana bawe bose bazokwigishwa n’Uhoraho,
kandi bazogira amahoro asesekaye.
14 Nzogukomereza mu bugororotsi:
Ugutwazwa amanyama kuzoba kure yawe,
ntuzogira ico utinya.
Ibiteye ubwoba bizoshirwa kure,
ntibizokwegera.
15 Nihagira uwugutera, si jewe nzoba ndamurungitse;
kandi uwuzogutera wese azoza akwisabe.
16 Ehe raba ni jewe naremye umucuzi avugutira amakara akaba urubeya,
hanyuma agacura ikigwanisho uko ashatse,
kandi umuranduzi ni jewe namuremeye kurandura.
17 Ariko nta kigwanisho cacuriwe kukugwanya kizogira ico kikugira,
kandi uzotsinda uwo wese azoguhagurukira ngo akuburanye.
Uwo ni wo mugabane w’abasavyi b’Uhoraho,
kandi ni kwo kugororoka kwabo kuva kuri jewe,"
ni ko Uhoraho avuze.