1 Uhoraho ambarira ati: "Fata umuzingo munini uwandikeko n’ikaramu isanzwe uti: Maheri-Shalali-Hashi-Bazi." 2 Maze nca mpamagara Uriya umuherezi na Zakariya mwene Yeberekiya, ngo bambere ivyabona vyizerwa yuko nabikoze. 3 Hanyuma ndyamana n’umugore wanje w’umuvugishwakazi, asama inda, avyara umwana w’umuhungu. Uhoraho arambwira ati: "Numwite Maheri-Shalali-Hashi-Bazi. 4 Imbere y’uko uwo mwana amenya kuvuga ngo data canke mama, umwami wa Ashuri azoba yaramaze gutwara ubutunzi bwose bw’i Damasiko n’i Samariya."
5 Uhoraho yongera ambwira ati:
6 Kubera ko aba bantu bagaye ukubitaho kwanje
kugereranywa n’amazi meza atemba y’i Shilowa,
bakanezerererwa umwami Rezini hamwe na mwene Remaliya,
7 nuko rero Uhoraho agiye kubateza
umwuzure w’inkomezi nyinshi, uvuye ku ruzi Efurate,
ni wo mwami wa Ashuri n’ingabo ziwe.
Uzosendanisha urengere imivo yose,
urengere n’inkombe zarwo zose,
8 kugeza ushike n’i Buyuda, uharengere,
uzosendanisha uduge gushika no ku mazosi y’abantu.
Kandi nirwasanzara ruzokwira igihugu cawe cose,
yewe Emanuweli.
9 Nimuje hamwe yemwe mahanga, muhinde agashitsi!
Nimwumve namwe abo mu bihugu vya kure mwese.
Mwitegurire intambara, ariko muhinde agashitsi!
Mwitegurire intambara, ariko muhinde agashitsi!
10 Nimuje inama, ariko inama zanyu zizoba impfagusa.
Nimwagira n’ico mupfundika ntikizorama,
kuko Imana iri ku ruhande rwacu.
11 Uhoraho yamfatishije ukuboko kwiwe kw’inkomezi, ambwira anyihanikiriza ati: Ntuzogendere mu ngeso z’ubwo bwoko:
12 Ntimwite umugararizo
ibintu vyose abo bita umugararizo;
ntimugatinye ivyo batinya,
kandi na bo ubwabo ntimubatinye.
13 Uhoraho Mushoboravyose abe ari we wenyene mwita Uwera,
ni we mukwiye kwubaha,
ni we mukwiye gutinya.
14 Azobazigama.
Ariko kuri Yerusalemu no ku Buyuda,
azobabera ibuye batsitarako,
n’urutare rutuma bagwa.
Kandi ababa i Yerusalemu bose,
azobabera umutego.
15 Benshi muri bo bazomutsitarako bagwe;
bazogwa bavunagurike,
bazogwa mu mutego.
16 Bika neza ico gishingantahe,
ivyagezwe ubifatanishe ikimenyetso mu bigishwa banje.
17 Nzororera Uhoraho,
yahishije ab’inzu ya Yakobo mu maso hiwe.
Ni we nzokwizigira.
18 Ehe raba jewe, n’abana Uhoraho yampaye, turi abo kubera Abisirayeli ibimenyetso biva k’Uhoraho Mushoboravyose, ahangamye ku Musozi Siyoni.
19 Nihagira umuntu akubwira ngo uje kuraguza ku bapfumu n’abasiguza imizimu, bavuga bongorera kandi bajwigira kugira ngo bakubwire ivyo muri kazoza, mbega igikwiye si ugusiguza Imana yanyu? Ni kuki muja kubaza abapfuye ivy’abakiriho? 20 Nimusuzumire ivyo bavuga ku vyagezwe vyanje no ku ntahe! Nimba bavuga ibitandukanye n’ijambo ryanje, bazokwama mu mwijima. 21 Ukwihebura n’ikigoyi ni vyo bizorangwa mu gihugu cabo. Nibafatwa n’ikigoyi, bazoterwa n’ishavu, maze barabe hejuru, bavume umwami wabo n’Imana yabo. 22 Bazoraba hasi babone amakuba n’umwijima, n’umubabaro w’umururazi, kandi bazotererwa mu mwijima w’umuzitanya.