Publicidade

Isaías 47

Babiloni hasenyuka

1 Manuka wicare mu mukungungu,

yewe mukobwa w’i Babiloni,

icara hasi, uve ku ntebe y’ubwami,

wa gisagara we; mwamikazi w’Abakaludaya.

Ntuzosubira kwitwa

ko uteye igomwe canke ko uhimbaye.

2 Fata ingasiro usye uronke ifu;

twikurura mu maso hawe.

Duza ikanzu yawe, amaguru aboneke,

kugira ngo ushobore kujabuka inzuzi.

3 Ubwambure bwawe buzoja ahabona,

maze umaramare.

Nzokwihora,

kandi nta n’umwe nzosigaza.

4 Umucunguzi wacu, Uhoraho Mushoboravyose ni ryo zina ryiwe,

ni we Uwera wa Isirayeli.

5 "Icara ucereze, uje mu mwijima,

wa gisagara we, mwamikazi w’Abakaludaya;

kuko utazongera kwitwa

umwamikazi w’ubwami.

6 Narakiye abantu banje,

nsuzugura iragi ryanje;

ndabarekurira mu maboko yawe,

nawe ntiwabagirira n’imbabazi.

N’abasaza bo muri bo,

wabaremeka imitwaro iremereye.

7 Waravuga uti: ‘Nzokwama nganza,

nzoba umwamikazi ibihe vyose!’

Ariko ntiwigeze wiyumvira kuri vyo,

ntiwigeze wibaza ku bizoba.

8 None rero niwumve ibi, yewe muntu ukunda kwinezereza,

ukiyumvira ko uri ahantu hatekanye,

ukibwira uti:

‘Ni jewe gusa, impande yanje nta wundi.

Sinzokwigera mba umupfakazi,

canke ngo mbure abana banje.’

9 Ivyo vyompi bizogushikira mu kanya gato,

ndetse ku musi umwe:

kubura abana no gupfakara.

N’aho wujuje abapfumu n’abanyamareba,

ivyo bizogushikako,

bifise ububi bwavyo bwose.

10 Wishimikije ububisha bwawe,

wibwira uti: ‘Nta wumbona.’

Ubwenge bwawe n’ubumenyi bwawe vyarakuyobeje,

aho wibwira uti: ‘Ndikwije,

nta wundi nkeneye.’

11 Ivyago bizokuzako,

kandi ntuzomenya ingene uvyigobotoramwo.

Amakuba azokugwako,

kandi nta mpongano uzoronka ubitangira;

ivyago bizogushikira giturumbuka,

utanavyiteze.

12 Nuko rero komeza ayo mareba yawe,

wirundanirize abapfumu,

ivyo watanguye ukiri umwana muto.

Kumbure bizogira ico bikumarira,

hagire abo utera ubwoba.

13 Inama zose bakugiriye zarakuruhije.

Hamagara abapfumu bawe baragurisha ivy’inyenyeri baze,

abazi kuraba inyenyeri bakubwira ibizoba ukwezi ku kwezi,

baze bagukize ibigiye kugushikira.

14 Ariko bazomera nk’umuguruka;

umuriro uzobarigita.

Ntibazoshobora kwikiza

ububasha bw’imbeya z’umuriro.

Uwo muriro ntuzoba ari amakara yo kwota,

canke icotezo co kwicara i ruhande.

15 Uko ni ko abo waruhiye kuva kera bazokubera,

n’abo mwadandazanya

mugakorana uhereye mu buto bwawe:

bose babandanya kugendera mu makosa yabo,

nta n’umwe muri bo ashobora kugukiza.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-