1 Ng’uwu umukozi wanje, uwo nshigikiye,
uwo natoranije nkamunezererwa.
Namushizeko Mpwemu wanje,
na we azokwereka amahanga ivy’ubutungane.
2 Ntazoyogora canke ngo avuze urwamo,
canke ngo yumvikanishe ijwi ryiwe mu mabarabara.
3 Ntazohohosha irenga rivunitse,
kandi n’urumuri rwaka buhoro ntazoruzimya;
mu bwizigirwa, azoshitsa ubutungane mu bantu.
4 Ntazocika intege kandi ntazodendebukirwa,
kugeza aho azoshikiriza ukugororoka kw’isi.
Mu nyigisho ziwe ni ho amazinga ya kure azoshira ivyizigiro."
5 Ng’ibi ivyo Uhoraho Imana avuze:
uwaremye amajuru akayasanza hejuru,
uwaguye isi n’ibiyimerako vyose,
agaha impwemu abantu bose bayibako,
n’ubuzima abayigenderako:
6 "Jewe Uhoraho ni jewe nabahamagaye ngo mwerekane ubugororotsi bwanje;
nzobafata ukuboko.
Nzokuzigama, nzotuma ubaho
kugira ngo ubere isezerano abantu banje,
n’umuco abanyamahanga,
7 kugira ngo uhumure amaso y’umpumyi,
ubohore imbohe,
ukure mu mwijima ababohewe mu mabohero."
8 "Ndi Uhoraho, iryo ni ryo zina ryanje!
Icubahiro canje sinzogiha uwundi,
kandi amashimwe yanje sinzoyahebera ibigirwamana.
9 Ehe raba ivya mbere birashitse,
n’ibishasha ndabibamenyesheje;
imbere y’uko bija ahabona,
ndabibabwiye."
10 Nimuririmbire Uhoraho indirimbo nsha,
mumuririmbire uhereye ku mpera z’isi!
Nimumuririmbire yemwe abagendera mu kiyaga,
namwe ibikibamwo mwese,
namwe mwa mazinga, n’abayabamwo mwese.
11 Ubugaragwa n’ibisagara vyabwo nibiduze amajwi yavyo,
n’aho Kedari aba hanezerwe.
Ababa i Sela nibaririmbe indirimbo y’umunezero,
baririmbire ku mpinga z’imisozi!
12 Nibahe icubahiro Uhoraho,
bamutazirire mu mazinga yabo.
13 Uhoraho azotabara nk’umunyenkomezi,
agire ishaka nk’intwari ku rugamba;
azokwiha akamo k’intambara n’ijwi rirenga,
kandi azonesha abansi biwe.
14 Azovuga ati: "Kuva kera naracereje,
naratekereje, ndiyumanganya.
Ariko ubu ho ndataka cane nk’umugore ari ku bise,
ndasemerera, ndaniha kandi ndahemagirika.
15 Nzorandura imisozi n’imitumba,
ntume n’ibimera vyaho vyose vyuma.
Inzuzi nini nzozihindura ahagadutse zibe nk’amazinga,
ibidengeri na vyo ndabikamye.
16 Impumyi nzozirongora mu nzira zitigeze zimenya,
ndazicishe mu tuyira zitari zimenyereye.
Mpindure imbere yabo umwijima ucike umuco,
kandi nzogorora inzira zabo.
Ivyo ni vyo nzokora,
kandi sinzobaheba.
17 Ariko abishimira ibigirwamana,
bakabwira ibishushanyo bati: ‘Muri imana zacu,’
bazomaramara cane.
18 Nimwumve, yemwe bipfamatwi,
namwe mwa mpumyi, nimurabe kandi mubone!
19 Hari iyindi mpumyi atari abantu banje, abasavyi banje,
canke hari igipfamatwi kimeze nk’intumwa natumye?
Ni nde mpumyi ingana n’abo dufitaniye isezerano,
canke impumyi ingana n’umusavyi w’Uhoraho?
20 Mwabonye vyinshi, ariko ntimwabishirako umutima;
amatwi yanyu yari yuguruye, ariko nta na kimwe mwumvise."
21 Vyarahimbaye Uhoraho
kubera ukugororoka kwiwe,
ko atanga Ivyagezwe bihambaye kandi bitunganye.
22 Ariko ubu ni ubwoko bwasahuwe, buranyagwa,
bose bafashwe n’imitego yo mu vyobo,
banyegejwe mu mabohero.
Bajanywe nk’inyagano,
habura n’umwe wo kubatabara,
baranyazwe,
habura n’umwe yovuga ati: "Basubize iwabo."
23 Ibi ni nde abitega amatwi,
agashira umutima ku vya kazoza?
24 Ni nde yatanze aba Yakobo ngo batwarwe nk’abaja,
aba Isirayeli akabaha ababanyaga?
Mbega si Uhoraho,
uwo twacumuyeko?
Vyababayeko kuko batagendeye mu nzira ziwe,
canke ngo bakurikize Ivyagezwe vyiwe.
25 Ni co catumye Uhoraho abasukako uburake bwiwe bw’inkazi,
n’intambara zikomeye.
Zibahindukira kuba imbeya, ariko ntibigeze batahura;
zirabatongora ariko ntibazishirako n’umutima.