Publicidade

Isaías 53

1 Ni nde yizeye ubutumwa bwacu,

kandi ni ba nde Uhoraho yahishuriye ukuboko kwiwe kw’ubushobozi?

2 Yakuriye imbere y’Uhoraho ameze nk’igiterwa kigoyagoya,

ameze nk’agati kamera kava mw’isi yumye.

Ntiyari afise ubwiza canke ishusho ikayangana ngo bitume abantu bamwirukira,

nta co twamubonako cotumye tumwipfuza.

3 Yarasuzugurwa, agakumirwa n’abantu,

yari umunyamibabaro, yari azi kubabazwa ico ari co.

Yari ameze nk’umuntu abandi batagomba kuraba,

yarakengerewe, natwe nta gaciro twamuhaye.

4 Ariko ni ukuri imibabaro yacu ni yo yishizeko,

imibabaro yacu ni yo yikoreye.

Ariko twibajije ko yahanywe n’Imana,

ko yakubiswe na yo, kandi akababazwa.

5 Ariko ivyaha vyacu ni vyo yacumitiwe,

yajanjaguriwe ibigabitanyo vyacu;

igihano kiduhesha amahoro cabaye kuri we,

kandi ibikomere vyiwe ni vyo bidukiza.

6 Twese twari tumeze nk’intama zizimiye,

umwe wese akajana inzira yiwe;

maze Uhoraho amushirako

ibigabitanyo vyacu twese.

7 Yarahahajwe, arababazwa,

ariko ntiyakuyeko umunwa;

amera kurya kw’umwagazi w’intama ujanwa kubagwa,

atekereza nk’intama imbere y’uwuyimwa ubwoya,

ntiyigera akurako umunwa.

8 Agacinyizo n’urubanza rw’akarenganyo ni vyo vyatumye akurwaho.

Mbega, hoba hari n’umwe wo mu runganwe rwiwe yabihakanye?

Kuko yaciwe mw’isi y’abazima,

yicirwa ivyaha vy’abantu banje.

9 Yahambwe hamwe n’inkozi z’ibibi,

asangira imva n’umutunzi,

n’aho ata kibi yakoze,

kandi ata bugunge bwari mu kanwa kiwe.

10 Ariko Uhoraho ni we yashimye kumujanjagura, amuteza imibabaro,

kandi naho Uhoraho yatumye ubuzima bwiwe buba ikimazi c’indishi,

azobona uruvyaro rwiwe, kandi azoramba,

imigambi y’Uhoraho yose izoshitswa n’ukuboko kwiwe.

11 Amaze kubabazwa, azobona umuco w’ubugingo,

azobona ivyamwa vy’imibabaro yiwe,

kandi azohimbarwa.

Kubera ubwenge bwiwe, umusavyi wanje agororoka

azoshikana benshi ku kugororoka,

kandi azokwishirako ukugabitanya kwabo.

12 Ni co gituma nzomuha gutorana hamwe n’abahambaye,

agabure iminyago n’abanyenkomezi,

kuko yatanze ubuzima bwiwe gushika n’aho yemera gupfa,

agaharurwa nk’umwe mu bagarariji.

Yikoreye ivyaha vya benshi,

yongera asabira abanyabicumuro.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-