Publicidade

Isaías 57

1 Abagororotsi bariko barahona,

ariko nta n’umwe abishizeko umutima.

Intungane ziriko zirakurwaho,

ariko nta n’umwe atahura

ko abagororotsi bakuweho

kugira ngo barindwe ivyago biri imbere.

2 Abagendera mu kugororoka

bashikira mu mahoro,

bararuhuka basinziriye itiro ry’urupfu.

3 "Ariko mweho nimwigire hano, mwa bana b’umupfumukazi,

namwe ruvyaro rw’umusambanyi n’umumaraya!

4 Mbega uwo mucokora ni nde?

Ni nde muha ibinoko,

mukamwereka ururimi?

Mbega ntimuri abana b’abagarariji,

uruvyaro rw’ababeshi?

5 Muganzwa n’ivyipfuzo vy’ubusambanyi muri musi y’ibiti binini

no musi y’igiti cose gitotahaye,

abana banyu mukabatangako ibimazi mu myonga

no mu migaga y’ibitandara.

6 Mu mabuye asenye yo mu myonga ni ho hari umugabane wanyu,

kandi ni vyo ragi ryanyu.

Ni yo mwashikaniye amashikanwa yanyu y’ibinyobwa,

muyashikanira n’amashikanwa y’ifu.

Mbega ivyo nobinezerererwa?

7 Wasambaniye ku mpinga z’imisozi mu kuhasengera ibigirwamana;

ni ho wagiye urashikanira ibimazi.

8 Inyuma y’inzugi n’ibishimaryango vyawe

wahashize ibimenyetso vy’ingene uri umunyavyaha.

Mu kunta, wapfukuye uburiri bwawe,

urabwurira urabugaranzura,

ugirana isezerano n’abo wikundiye,

urabana ukwipfuza imibiri yabo iri gusa.

9 Wagiye kuraba Moleki wisize amavuta ya elayo,

wisize n’ibimota cane iyo bituriwe.

Utuma intumwa zawe kure cane,

gushika n’aho zishika i kuzimu.

10 Wagenze urugendo rurerure, urananirwa,

ariko ntiwikebuka ngo uvuge uti: ‘Nta kizovamwo.’

Ariko kuko ukwipfuza kwawe kwari gukomeye,

wakomeje urugendo, ntiwacitse intege.

11 Mbega uwo mwatinya akabatera ubwoba ni nde,

bigatuma mumbesha,

mukanyibagira,

ntimunanyiyumvireko mu mitima yanyu?

Mbega si kubera namaze igihe kinini nihoreye,

vyatumye mutanyubaha?

12 Nzoshira ahabona ivyo wita ukugororoka kwawe n’ibikorwa vyawe,

ariko nta co bizokumarira.

13 Niwasemerera ushaka gutabarwa,

ibigirwamana wegeranije birazogutabara!

Igihuhusi kizobitwara,

n’umuyaga usanzwe uzobikuraho.

Ariko uwungira ubuhungiro bwiwe

azoragwa igihugu,

ahabwe umusozi wanje wera."

Uguhumurizwa kw’abihanye

14 Kandi bizovugwa ngo:

"Nimuharure, nimuharure, mutunganye inzira y’Uhoraho!

Mukure mu nzira ivyotsitaza abantu banje vyose."

15 Kuko uwushizwe hejuru cane, aravuze

uwuhoraho ibihe vyose, akitwa uwera:

avuze ati: "Mba hejuru, kandi hera,

ariko kandi mbana n’uwufise umutima umenetse,

yicishije bugufi,

kugira ngo mpembure imitima iciye bugufi,

n’imitima imenetse.

16 Sinzokwama ntongana ibihe vyose,

kandi sinzokwama ndatse,

ahandi ho imitima n’impwemu vy’umuntu naremye

vyohonera rimwe imbere yanje.

17 Icaha ciwe ni co candakije,

maze ndamuhana, nyegeza mu nyonga hanje kubera ndatse,

ariko yigumira mu vyo yigombeye.

18 Narabonye ingeso ziwe, ariko nzomukiza;

nzobarongora, nongere ndemeshe Abisirayeli bagandaye,

19 ndeme ishimwe mu kanwa kabo.

Amahoro, amahoro, ku bari hafi no ku bari kure,"

ni ko Uhoraho avuze.

"Kandi nzobakiza."

20 Ariko abanyakibi bameze nk’ikiyaga gisuriranya,

kidashobora gutekana,

imipfunda yaco ikazikurura isuri n’ivyondo.

21 "Nta mahoro ku munyakibi," ni ko Imana yanje ivuze.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-