1 Mu mwaka ugira icumi na kane umwami Hezekiya ari ku ngoma, Senakeribu umwami w’i Ashuri atera ibisagara bizitijwe inzitiro z’amabuye vyose vy’i Buyuda, arabifata. 2 Maze umwami w’i Ashuri arungika umukuru w’ikambi n’ingabo nyinshi cane, bava i Lakishi baja i Yerusalemu aho umwami Hezekiya yari ari. Maze uwo mukuru ageze ku mugende utwara amazi mu rugomero rwo haruguru, kw’ibarabara rija kw’Itongo ry’Umumesuzi, ahagararaho. 3 Eliyakimu mwene Hilukiya umukuru w’ikirimba, na Shebuna umunyamabanga w’umwami, na Yowa mwene Asafu umwanditsi, baba ari bo baja guhura na we.
4 Maze umukuru w’ingabo za Ashuri ababwira ati: "Mubwire Hezekiya muti:
‘Umwami ahambaye, ari we mwami w’i Ashuri avuze ngo: Mbega wishimirije iki? 5 Uvuga ngo ufise ubuhinga bwo kugwana ukagira n’ingabo nyinshi; ariko ivyo ni amajambo gusa ata co amaze. Mbe wishimirije nde yotuma ungarariza? 6 Mbega wishimiye Egiputa? Rirya renga rivunitse ricumita mu kiganza uwo wese aryishimikije! Uko ni ko Farawo umwami wa Egiputa ameze ku bamwizigira bose. 7 Niwaba na ho ugira uti: "Twishimikije Uhoraho Imana yacu," mbega si wewe nyene Hezekiya wayisamburiye ibibanza vyo gusengeramwo vyo ku misozi hamwe n’ibicaniro, ukabwira Ubuyuda na Yerusalemu uti: "Muzohora musengera imbere y’iki gicaniro honyene"?
8 None rero, ingo muhige na databuja, umwami w’i Ashuri. Nanje ndaguha amafarasi ibihumbi bibiri, nimba unafise abashobora kuyagenderako! 9 Mbega none wewe, woshobora gute kwirukana intwazangabo naho yoba ari imwe yo mu ngabo za databuja zo hanyuma y’izindi, naho wozanana n’imikogote n’abagwanira ku mafarasi b’Abanyegiputa? 10 Turetse n’ivyo, mbe wibaza ko twaje gutera no gusambura iki gihugu, ata co Uhoraho yatubwiye? Uhoraho ubwiwe ni we yambwiye kuza gutera iki gihugu no kugisangangura.’ "
11 Maze Eliyakimu, Shebuna na Yowa babwira uwo mukuru bati: "Turakwinginze twebwe abasavyi bawe utubwire mu Carameya, kuko tucumva. Ntubandanye uvuga mu Giheburayo abantu bose bari ku ruzitiro bavyumva."
12 Ariko uwo mukuru w’ingabo abishura ati: "Mbega mwibaza ko databuja yarungikiye ubutumwa shobuja wenyene? N’abo bari ku ruzitiro nibavyumve kuko nimutishikana, tuzobugariza mwicwe n’inzara n’inyota gushika aho murya umwanda mukuru wanyu, munywe n’umwanda mutoya wanyu."
13 Maze uwo mukuru w’ingabo arahaguruka avuga n’ijwi rirenga mu Giheburayo ati: "Nimwumve amajambo y’umwami ahambaye, ari we mwami w’i Ashuri! 14 Avuze ngo: Ntimwemere ko Hezekiya abahenda. Ntashobora kubakiza na gatoya. 15 Ntahave abahenda ngo mwizere Uhoraho ababwira ngo: ‘Uhoraho azodukiza, ntazokwemera ko iki gisagara kigwa mu maboko y’umwami w’i Ashuri.’
16 Ntimwumvirize Hezekiya. Ibi ni vyo umwami w’i Ashuri abamenyesheje: Nimurondere amahoro mu kwishikana iwanje. Ni ho umwe wese muri mwebwe azorya ku nzabibu no ku nsukoni ziwe, akanywa no ku mazi y’iriba ryiwe, 17 gushika aho nzobatwarira mu gihugu kimeze nk’iki c’iwanyu, igihugu kirimwo ingano n’umuvinyu mushasha, igihugu cuzuye indya n’imizabibu.
18 Ntimwemere ko Hezekiya abazimiza, niyababwira ati: ‘Uhoraho azoturokora.’ Mbega hari imana z’ihanga na rimwe zigeze zirokora igihugu cazo mu kuboko kw’umwami w’i Ashuri? 19 Mbega imana z’i Hamati n’i Arupadi ziri hehe? Iz’i Sefaruvayimu ziri hehe? Mbega zarakijije Samariya mu maboko yanje? 20 Mbega mu mana zose z’ivyo bihugu, ni izihe zashoboye kubikiza ukuboko kwanje? None Uhoraho ni we yokiza Yerusalemu mu maboko yanje?"
21 Ariko abari ngaho baguma banumye, ntihagira ico bishura, kuko umwami yari yabihanikirije ati: "Ntihagire na kimwe mumwishura."
22 Maze Eliyakimu mwene Hilukiya uwari ajejwe ikirimba, na Shebuna umunyamabanga, hamwe na Yowa mwene Asafu umwanditsi, basubira kwa Hezekiya, bitaburiyeko impuzu, bamubwira ivyo wa mukuru w’ingabo yavuze vyose.