Publicidade

Isaías 52

1 Ikangure, ikangure, yewe Siyoni,

wambare inkomezi.

Niwambare imyambaro yawe y’ubwiza,

Yerusalemu, umugwa wera.

Kuko ata batakebwe canke abahumanye

bazosubira kukwinjiramwo.

2 Ikunkumure umukungugu;

uhaguruke, wicare ku ntebe y’ubwami, ewe Yerusalemu.

Iyambure iminyororo mw’izosi,

yewe mukobwa w’i Siyoni, wagizwe imbohe.

3 Kuko uku ni ko Uhoraho avuze:

"Mwaguzwe ubusa,

muzocungurwa ata mahera atanzwe."

4 Kuko uku ari ko Uhoraho Nyeninganji avuze:

"Ubwa mbere, abantu banje babanje kumanukanwa muri Egiputa,

mu nyuma bacinyizwa na Ashuri.

5 None ibi na vyo ni ibiki? Ni ko Uhoraho abaza.

Ko abantu banje basubiriye kujanwa nk’inyagano ata gituma,

kandi abatware bakanshinyaguriza,

ni ko Uhoraho avuze

Kandi ku murango no mw’ijoro

izina ryanje rikama ritukwa?"

6 "Ni co gituma abantu banje bazomenya izina ryanje;

ni co gituma kuri uwo musi bazomenya

ko ari jewe nabivuze imbere y’igihe.

Ni vyo, koko ni jewe."

7 Ese ukuntu ibirenge vy’abazanye inkuru nziza

ari vyiza ku misozi

bakamamaza ivy’amahoro,

bakazana inkuru nziza

bakamamaza ivy’agakiza,

bakabwira Siyoni bati:

"Imana yawe iraganje!"

8 Umviriza! Abateramyi bawe badugije amajwi yabo;

bose hamwe barafatanije kuririmba indirimbo z’umunezero.

Uhoraho niyagaruka i Siyoni,

bazovyibonera n’amaso yabo.

9 Turika muririmbire hamwe indirimbo z’umunezero,

yemwe mwa misaka mwe y’i Yerusalemu,

kuko Uhoraho ahojeje abantu biwe,

kandi acunguye Yerusalemu.

10 Uhoraho yerekanye ububasha bwiwe n’ukwera kwiwe

imbere y’amahanga yose,

kandi impera z’isi zose

zizobona agakiza k’Imana yacu.

11 Nimugende, nimugende, musohoke muveyo!

Ntihagire igihumanye mukorako!

Muveyo, mutunganye,

yemwe abatwaye ibikoresho vyo mu nzu y’Uhoraho.

12 Ariko ntimuzoveyo mwiruka,

mumeze nk’abahunga;

kuko Uhoraho azoba ari imbere yanyu,

Imana ya Isirayeli izoba ari igihome kibakingira.

Ukubabazwa n’icubahiro c’umukozi

13 Ehe raba umusavyi wanje azokorana ubwenge;

azokuzwa, ashirwe hejuru, ahabwe icubahiro cinshi.

14 Kandi nk’uko benshi bamutangariye bamubonye

kuko mu maso hiwe hari hononekaye, hadasa n’ah’abantu,

n’ishusho yiwe yononekaye idasa n’iy’abantu,

15 ni uko azokweza amahanga menshi,

kandi abami ntibazokura ururimi mu kanwa imbere yiwe.

Kuko ivyo batabwiwe bazovyibonera,

kandi ivyo batigeze bumva, bazobitahura.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-