1 Ehe raba, hagiye kwima umwami agororotse,
kandi abatware biwe bazoganzanya ubugororotsi.
2 Umwumwe wese muri bo azomera nk’ahantu ho kwikinga umuyaga
canke aho guhungira igihuhusi,
yongere abe nk’imbizi y’amazi mu bugaragwa,
canke nk’igitutu kiva ku gitandara kinini mu gihugu kigadutse.
3 Maze amaso y’ababona ntazosubira guhumiriza,
nayo amatwi y’abumva azokwumviriza.
4 Imitima ihuha izogira ubwenge n’ugutahura,
n’indimi z’abagigimiza zizovuga zirongorotse.
5 Abantu b’ibipfu ntibazoba bacitwa intwari,
n’indyarya ntizizohabwa icubahiro.
6 Kuko ibipfu bivuga ivy’ubupfu,
imitima yavyo yagondamiye ku bibi.
Bagendera mu kutubaha Imana,
bagakwiragiza ibinyoma k’Uhoraho;
bima indya uwushonje,
uwunyotewe bakamwima amazi.
7 Inzira z’indyadya ziragoramanze,
barementaniriza ibinyoma umukene
kugira ngo bamuranduze ibinyoma,
naho umukene yoba avuga ibitunganye.
8 Ariko inyankamugayo zigira imigabo myiza,
kandi mu bikorwa vyabo vy’inyankamugayo barashikama.
9 Mwa bagore mwe mwidibamiye,
nimuve hasi munyumvirize,
namwe bakobwa mwumva mutekaniwe,
nimwumve ivyo mvuga,
10 Mu gihe kirenga gatoya umwaka,
mwebwe mwumva ko mukingiwe muzojugumira.
Inzabibu zanyu ntizizokwama,
iyimbura ryazo ntirizokwigera ribaho.
11 Nimuhinde agashitsi, yemwe bagore mwidibamiye,
muhagarike imitima namwe bakobwa mwumva mutekaniwe!
Nimwambure imyambaro yanyu nziza,
mukenyere amagunira.
12 Nimwikubite mu gikiriza, ku bw’imirima mwakunda,
n’inzabibu zahora zama cane,
13 mubabazwe n’igihugu c’abantu banje,
camezemwo amahwa n’imikere.
Muborogere amazu meza ahimbaye,
hamwe n’ibisagara vy’umunezero.
14 Kuko ikirimba c’umwami n’igisagara bizotabwa,
igisagara cuzuyemwo urwamo gihebwe.
Ahari agasozi n’umunara w’inderetsi hazotabwa ibihe vyose,
hahinduke ikirimbiro ry’indogoba n’uburagiro bw’ibitungwa,
15 gushika aho Mpwemu azodusukwako avuye mw’ijuru.
Ni ho ubugaragwa buzocika isi imera,
umurima umera na wo ukamera nk’ishamba.
16 Ubutungane bw’Uhoraho buzoba mu bugaragwa,
ubugororotsi na bwo bube kw’isi imera.
17 Inkurikizi y’ubwo bugororotsi izoba amahoro,
bizotuma haba ugutekana n’ukwizerana ibihe vyose.
18 Abantu banje bazoba ahantu hari amahoro,
mu mazu y’umutekano,
aho ata kizobakokoma baruhutse.
19 Naho urubura rwohonya ishamba,
igisagara kigasenyukira hasi cose,
20 Uhoraho azohezagira ubwoko bwiwe.
Bazobiba bimbure umusesekara,
ibitungwa vyanyu bizorisha ahatotahaye.