1 Muri iyo misi, Hezekiya aragwara, ashika ku mpfiro. Umuvugishwa Yesaya mwene Amozi aja kumuraba, amubwira ati: "Uhoraho avuze ngo: ‘Tunganya ivyo mu rugo rwawe, kuko ugiye gupfa, ntuzokira.’ "
2 Maze Hezekiya aca ahindukiriza amaso ku ruhome, asenga Uhoraho, 3 avuga ati: "Uhoraho we, ibuka ingene nagendeye imbere yawe mu bwizigirwa nkagukorera nguhaye umutima wanje wose, ngakora ivyo ubona ko ari vyiza mu nyonga zawe." Hezekiya ararira cane.
4 Maze ijambo ry’Uhoraho riza kuri Yesaya, 5 riti: "Genda ubwire Hezekiya uti: uku ni ko Uhoraho, Imana ya sogokuruza Dawidi avuze: ‘Numvise ugusenga kwawe, kandi nabonye n’amarira yawe; ndakwongeye iyindi myaka cumi n’itanu yo kubaho. 6 Kandi iki gisagara nzogikura mu maboko y’umwami w’i Ashuri. Iki gisagara nzokigwanira.
7 Iki ni co kimenyetso cemeza ko Uhoraho azoshitsa ivyo asezeranye: 8 Nzosubiza inyuma amatambwe cumi; igitutu cazanywe n’izuba, mpereye ku ngazi ya Ahazi.’ " Ca gitutu gisubira inyuma amatambwe cumi.
9 Aya ni yo majambo Hezekiya, umwami w’i Buyuda yanditse, amaze gukira ingwara yari agwaye.
10 Naravuze nti: "Nari ngeze hagati mu myaka y’ukubaho kwanje,
none ngiye kwinjira mu marembo y’urupfu!
Imyaka nari nsigaje kubaho ndayinyazwe."
11 Naravuze nti: "Sinzosubira kubona Uhoraho
nkiri kw’isi y’abazima,
sinzosubira kubonana n’abantu,
canke ngo mbane n’ababa muri iyi si.
12 Ubuzima bwanje bunkuweko,
nk’ihema ry’umwungere rigururwa n’umuyaga.
Ubuzima bwanje ndabuzinze nk’uko umujishi azinga impuzu,
agira acacurire ku kijishiro.
Imbere y’uko bwira, uzoba wancacuye.
13 Narindiriye nihanganye gushika mu bucagucagu,
ariko uvunagura amagufa yanje yose nk’intare;
imbere y’uko bwira, uzoba wandangije.
14 Mvuza induru ingana n’iy’intamba,
mboroga nk’inuma.
Amaso yanje aruhishwa no kurangamiza mw’ijuru ndagutakira.
Ewe Mana, ntabara unkize."
15 Mvuge iki kindi?
Yavuganye nanje, kandi ni yo nyene yakoze ibi.
Nzogenda niyoroheje imyaka yanje yose,
ku bw’umubabaro uri mu mutima wanje.
16 Ewe Mana, ibi ni vyo bibeshaho abantu,
kandi impwemu yanje ni ho ironkera ubugingo.
Wansubije amagara,
unyemerera kubaho.
17 Koko, vyari bibereye ko nca muri iyo mibabaro.
Mu rukundo rwawe,
ntiwemeye ko nja mu rwobo rwo kurandurwa,
ivyaha vyanje vyose,
wabisize inyuma yawe.
18 Kuko abari mu mva badashobora kugutazira,
kandi abapfuye badashobora kukuririmbira ishimwe;
abamanuka epfo i kuzimu
ntibaba bacizera ubwizigirwa bwawe.
19 Abazima bonyene ni bo bashobora kugutazira
nk’uko ndiko ndabikora uwu musi.
Abavyeyi biganira abana babo
ivy’ubwizigirwa bwawe.
20 Uhoraho, ni wewe uzonkiza,
nanje nzokuririmbira ishimwe,
ngucurarangire inanga ibihe vyose,
ndi mu Ngoro y’Uhoraho.
21 Yesaya yari yavuze ati: "Nimutegure akarobe kabumvye mu nsukoni, mugatembagaze ku kivyimba, aca akira."
22 Hezekiya abaza ati: "Ni ikihe kimenyetso cemeza ko nzosubira kuduga mu Ngoro y’Uhoraho?"