1 Ehe, ukuboko kw’Uhoraho ntikwabaye kugufi ngo kunanirwe kubakiza,
kandi n’amatwi yiwe ntazivye ku buryo adashobora kubumva.
2 Ibigabitanyo vyanyu ni vyo vyabatandukanije,
n’Imana yanyu,
ivyaha vyanyu ni vyo vyatumye abahisha mu nyonga hiwe,
kugira ngo ntabumve.
3 Kuko ibiganza vyanyu vyuzuyeko amaraso,
intoke zanyu zandujwe n’ivyaha.
Iminwa yanyu yuzuye ububeshi,
ururimi rwanyu rukavuga ibibi gusa.
4 Nta n’umwe arondera ubutungane,
kandi nta n’uwuvugisha ukuri mu kuburana.
Ivyo bashikiriza ni amajambo gusa, bavuga ibinyoma,
batwara inda y’ibikorwa bibi bakavyara icaha.
5 Babundikira amagi y’imvuvyi,
bakajisha nk’ibitangurirwa.
Uwuriye amagi yabo wese arapfa
kandi iyo igi rimwe rimenetse, havamwo inzoka
6 Ivyo bajisha nta mpuzu zishobora kuvamwo,
ntibashobora kwipfuka ivyo bijishiye.
Ibikorwa vyabo ni ivy’ukugabitanya,
kandi amaboko yabo akora ivy’umuryano.
7 Ibirenge vyabo vyirukira gukora ivyaha,
barihuta gusesa amaraso y’abantu ata co bazira.
Ivyiyumviro vyabo bihengamiye ku bibi;
ibikorwa vy’umuryano ni vyo birangwa aho baciye.
8 Ntibazi inzira z’amahoro;
nta butungane buba mu nzira bacamwo.
Inzira zabo barazigoramika;
abazicamwo ntibigera bagira amahoro.
9 Ni co gituma ubutungane buri kure yacu,
ukugororoka ntigushika aho turi.
Turondera umuco, ariko ico turonka ni umwijima;
tukarondera ugukayangana,
ariko tukagendera mu gitutu c’umwijima.
10 Dukabakaba impome nk’impumyi,
tukarondera inzira nk’abatagira amaso.
Dutsitara ku murango nk’aho bwamaze kwira,
mu bakomeye tumeze nk’abapfuye.
11 Twese twivuga nk’idubu,
ariko tukaniha nk’inuma ziguguza.
Turondera ubutungane ariko tukabubura,
twarondera ukubohoka, kukaba kure yacu.
12 Kuko ibicumuro vyacu vyabaye vyinshi mu nyonga zawe,
kandi ivyaha vyacu bikaba biturega kuri wewe.
Ibicumuro vyacu bitwomyeko,
kandi ibigabitanyo vyacu turavyemeye:
13 gucumura no kwihakana Uhoraho,
gutera umugongo Imana yacu,
kuvuga ivy’agahahazo n’imigumuko,
kuvuga ibinyoma imitima yacu yigeneye.
14 Ni co gituma ubutungane bwasubiye inyuma,
ukugororoka kugahagarara kure cane;
ukuri kukaba kwaratsitaye mu nzira,
ukuba inyankamugayo ntibikunde kwinjira.
15 Ukuri nta na hamwe kuboneka,
kandi uwugwanya ikibi ahigwa bwa gikoko.
Uhoraho yaravyihweje biramubabaza,
abonye ko ata butungane bukihari.
16 Yararavye abona nta n’umwe,
atangazwa n’uko ata n’umwe wo gutabara.
Ni co catumye ukuboko kwiwe kubazanira agakiza,
ukugororoka kwiwe kukaba ari kwo kubashigikira.
17 Yambaye ukugororoka nk’icuma gikingira igikiriza,
yambara n’inkofero y’agakiza ku mutwe wiwe.
Yambara impuzu z’uguhora,
yambara n’ishaka nk’umutamana.
18 Akurikije ivyo bakoze,
azobishura ibikwiranye
uburake ku bansi biwe,
n’impera ikwiye abamugwanya
n’amazinga azoyishura ibikwiranye n’ivyo yakoze.
19 Uhereye mu burengero, abantu bazokwubaha izina ry’Uhoraho,
guhera mu buseruko bazohindira agashitsi icubahiro ciwe.
Kuko azoza nk’umwuzure
uhushwe n’uguhumeka kw’Uhoraho.
20 "Umucunguzi azoza i Siyoni,
gucungura aba Yakobo bihanye ivyaha vyabo,"
ni ko Uhoraho avuze.
21 Uhoraho aravuze ati: "Nanje iri ni ryo sezerano ngiranye na bo: Mpwemu wanje ntazova kuri mwebwe, kandi n’amajambo yanje nashize mu kanwa kanyu ntazohava, eka ntazova no mu kanwa k’abana banyu, canke mu kanwa k’uruvyaro rwabo, uhereye ubu ugashitsa ibihe vyose," ni ko Uhoraho avuze.