Publicidade

Isaías 48

Ukugarariza kwa Isirayeli

1 Umviriza, mwebwe abakomoka ku nzu ya Yakobo,

mwebwe mwitirirwa izina rya Isirayeli,

mukava mu muryango wa Yuda,

mwebwe murahira mw’izina ry’Uhoraho,

mukambaza Imana ya Isirayeli,

ariko ntimubikore mu kuri mu bugororotsi,

2 mwiyita abo mu gisagara cera,

mukavuga ko mwisunga Imana ya Isirayeli,

Uhoraho Mushoboravyose ni ryo zina ryiwe.

3 Ivyabayeho kera, nabivuze imbere y’igihe,

akanwa kanje karabitangaza, ndabimenyekanisha,

ndabikora ako kanya, birashika.

4 Nari nzi ko udakurwa kw’ijambo;

izosi ryawe rikomeye nk’icuma,

uruhanga rwawe na rwo rukomeye nk’umwakaka.

5 Ni co gituma nababwiye ivyo bintu kuva kera cane,

ndabibatangariza bitaraba,

kugira ngo ntimuzovuge muti:

‘Ibigirwamana vyanje ni vyo vyabikoze;

ibishushanyo nabaje mu biti hamwe n’imana nacuze,

ni vyo vyabitegetse biraba.’

6 Ivyo mwaravyumvise, nimuvyihweze vyose.

Mbega ntimuvyemera?

Uhereye ubu ngira ndababwire ibintu bishasha,

canke ibihishijwe mutigeze mumenya.

7 Biremwe ubu nyene, si ivya kera;

ntimwigeze muvyumva imbere y’uwu musi.

Kugira ngo ntimuvuge ngo:

‘Ni vyo, nabimenye kuva kera!’

8 Nta vyo mwigeze mwumva kandi nta vyo mwigeze mutahura;

kuko uhereye kera amatwi yanyu atari bwazibuke.

Nari nzi neza ingene muri abanyabinyoma,

mwiswe abagarariji kuva mukivuka.

9 Ku bw’izina ryanje narabangiriye kubasukako uburake bwanje,

kandi ku bw’ishimwe ryanje narabihanganiye,

ndeka kubakuraho rwose.

10 Ehe raba, narakuvugutiye, naho atari kurya kw’ifeza,

nagupimiye mw’itanure ry’ukugeragezwa.

11 Ku bw’izina ryanje, kandi ku bw’izina ryanje nyene, ndabikoze.

Mbega nokwemera gucokorwa?

Icubahiro canje sinzogiha uwundi muntu n’umwe.

Ukwidegemvya kwa Isirayeli

12 Nyumviriza, ewe Yakobo,

nawe Isirayeli, uwo nahamagaye:

ndi we;

ndi uwa mbere nkaba n’uwa nyuma.

13 Amaboko yanje ni yo yashizeho amatanguriro y’isi

kandi ukuboko kwanje kw’i buryo ni kwo kwagaranzuye ijuru;

iyo ndabihamagaye, biritaba,

bikazira icarimwe.

14 Mwese nimutororokane mwumve,

mbega hari ikigirwamana cigeze kibabwira ibi bitaraba?

Uwo Uhoraho yihitiyemwo ngo

azoshitsa umugambi wiwe kuri Babiloni;

ukuboko kwiwe kuzogwanya Abanyababiloni.

15 Jewe, jewe nyene ubwanje naravuze,

ni vyo, naramuhamagaye.

Kandi nzomuzana,

azoshitsa neza igikorwa namutumye.

16 Nimunyegere mwumve!

Kuva ku vyo natanguriyeko kuvuga,

nta na rimwe nigeze mvuga nyegeje,

kandi igihe vyaba vyose, nari ngaha."

None ehe raba Uhoraho Nyeninganji yantumye,

andungikanye Mpwemu wiwe.

17 Uku ni ko Uhoraho avuze,

umucunguzi wanyu, Uwera wa Isirayeli:

"Ndi Uhoraho Imana yawe,

akwigisha ibibereye,

akakurongorera mu nzira ukwiye gucamwo.

18 Iyo wumvira amabwirizwa yanje,

amahoro yawe yotemvye nk’uruzi,

n’ukugororoka kwawe kwonganye n’imipfunda y’ikiyaga.

19 Uruvyaro rwawe rwonganye n’umusenyi,

abana bawe bakangana n’amahonda mu kigega;

izina ryabo ntiryokwibagiranywe,

kandi ntiryozimanganye imbere yanje."

20 Nimusohoke muve i Babiloni,

muhunge Abakaludaya.

Nimusemerere mubivugane umunezero,

mubimenyekanishe hose,

muvyamamaze gushika ku mpera z’isi,

muvuga muti: "Uhoraho yacunguye, Yakobo umusavyi wiwe."

21 Igihe yabarongorera mu bugaragwa ntibishwe n’inyota,

yabatembeshereje amazi ava mu gitandara.

Yasatuye ikibuye,

amazi aradudubiza.

22 "Ariko nta mahoro ku munyavyaha," ni ko Uhoraho avuze.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-